Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




1 Samweli 14:12 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

12 Abo mur’ izo nsago bahamagara Yonatani n’ūmutwaje ibirwanishwa, bati Ni mudūge ino, ico tubereka! Nuko Yonatani abarira ūmutwaje ibirwanishwa, ati Nkurikira, kuk’ Uhoraho abagabuye mu maboko y’Abisirayeli.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




1 Samweli 14:12
13 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Maz’ uyu musi nshitse kw iriba, ndasenga, nt’ Ewe Uhoraho, Mana ya databuja Aburahamu, ni waba uhaye urugendo rwanje nagenze umugisha,


Nca nunamika amaso, mpimbaza Uhoraho, nshemagiza Uhoraho Imana ya databuja Aburahamu, yandōngōye inzira ikwiye, ngo nsabire umwana wiwe umugeni ku muhungwabo wa databuja.


Maze ni wumva imirindi y’ingabo ihindira hejuru kur’ iyo mibaka, uce uhaguruka vuba, kuko jewe Uhoraho nzoba nkwitangiye imbere gutera izo ngabo z’Abafilisitiya.


Hanyuma Amaziya atuma intumwa kuri Yehowasi mwene Yehowahazi, Yehowahazi mwene Yehu, umwami w’Abisirayeli, muti N’uze muhangane.


Maze Debora abgira Baraki, ati Haguruka, kuk’ uyu musi ari wo Uhoraho agabuye Sisera mu maboko yawe. Rāba Uhoraho ni we akugiye imbere. Nuko Baraki amanukana n’ingabo ziwe ukw ar’ ibihumbi cumi, bava ku musozi Tabora bamukōndōreye inyuma.


Mugenzi we aramwishura, ati Nta kindi, iyo n’inkota ya Gideyoni mwene Yowasi, w’Umwisirayeli. Imana yagabuye Abamidiyani n’ingabo zabo zose mu maboko yiwe.


Nuko Gideyoni yumvise izo nzozi n’uko zisobanuwe, ashima Imana, asubira mu nsago z’Abisirayeli, arababarira, ati Ni mukūre hasi, kuk’ Uhoraho agabuye ingabo z’Abamidiyani mu maboko yanyu.


Aca ahamagara umuhungu w’umusore amutwaje ibirwanishwa, ati Sokōra inkota yawe, umpohoshe, boye kuzovuga, ngo Yishwe n’umugore. Nuk’ uwo muhungu aramusogota, arapfa.


Ariko ni batubarira, bati Ni muze ino; duce tudūga, kuk’ Uhoraho azoba abagabuye mu maboko yacu: kand’ ico ni co kija kutubera ikimenyamenya.


Nuko Yonatani aharāmba yāvūra, n’ūmutwaje ibirwanishwa ar’ inyuma yiwe. Ba Bafilisitiya Yonatani arabahindikiranya, bagwa imbere yiwe, n’ūmutwaje ibirwanishwa agenda arabahohosha inyuma yiwe.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ