Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




1 Samweli 14:11 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

11 Nuko bompi baseruka ah’ abo mu nsago z’Abafilisitiya bababona; maz’ Abafilisitiya baravuga, bat’ Ehe rāba Abaheburayo barasokorotse mu myobo bāri binyegejemwo!

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




1 Samweli 14:11
5 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Abanyamahanga barakabiranye, Bava mu binyegero vyabo bahinda agashitsi.


Nukw Abamidiyani bamara igabo Abisirayeli, bituma Abisirayeli bironderera aho kuja kunyegera mu bihuma vyo ku misozi no mu masenga no mu maboma kubg’ abo Bamidiyani.


Maz’ Abisirayeli babonye ko babuze epfo na ruguru, kuko bāri mu karindiro, baja kwinyegeza mu masenga no mu bisaka no mu bitandara no mu bihuma no mu vyobo vyimbiwe kubīka amazi.


Kand’ Abisirayeli bose bari binyegeje mu mugamba w’Abefurayimu, bumvise kw Abafilisitiya bahunze, na bo nyene babōma inyuma babarwanya.


Maz’ abagabisha b’Abafilisitiya barabaza, bati Mbeg’ abo Baheburayo bakora iki hano? Akishi yishura abo bagabisha b’Abafilisitiya, at’ Uyu si Dawidi, yar’ umuntu wa Sauli umwami w’Abisirayeli, akaba yamaranye nanje imisi, na ko n’imyaka? Kand’ uhereye igihe yacīkiye, akaza i wanje, nta kibi namubonyeko gushitsa n’ubu.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ