enda se bibe birtya: umwigeme ndibubgire, nti Ndakwinginze, ururutsa umubindi wawe, nnyweko; akanyishura, ati Nywako, n’ingamiya zawe ndaziha zinywe: uyo abe ari we watoranirije Isaka umusavyi wawe; ivyo ni vyo bimmenyesha yuk’ ugiriye neza databuja.
Iramwishura, it’ Erega nzoba ndi kumwe nawe, kand’ iki ni co kizokubera ikimenyamenya kw ari jewe nagutumye: ni wamara gukūra ubgo bgoko muri Egiputa, kur’ uyu musozi nyene ni ho muzonsabira.