Arabuhakura, abushira mu minwe, agenda araburya; ashikiriye se na nyina, abubahako, na bo baraburya; ariko ntiyababgira kw abukūye mu kirangara c’intambge.
Sauli yitoraniriza abantu mu Bisirayeli ibihumbi bitatu; muri bo, ibihumbi bibiri bāba kuri we i Mikimashi no ku musozi w’i Beteli; abandi igihumbi bāba kuri Yonatani i Gibeya h’i Bubenyamini; abasigaye arabacūra, umuntu wese yītāhira i we.
Ni co gituma umusi intambara yarumanako, mu bantu bāri kumwe na Sauli na Yonatani ata n’umwe yar’ afise inkota cank’ icumu, ukūye Sauli na Yonatani umuhungu wiwe: ni bo bāri babifise.