8 Nuko Sauli amaray’ imisi ndwi, arorereye Samweli, nk’uko yari yamuhaye indagano; arikw abantu bāri bāgiye biyonjorora bamuta, Samweli ataraza i Gilugali.
Nuko Amasa aja guhamagara Abayuda; arikw arenza imisi umwami yamubariye.
Kand’ uz’ unyitangire imbere, umanuke i Gilugali; nanje nyene nzomanuka ngusangeyo, nje kwosa ibimazi no gutanga ivy’ ishimwe. Uz’ undorēre imisi ndwi kugeza igihe nzogusangayo nkakwereka uk’ ukwiye kugenza.