7 Mbere bamwe bo mu Baheburayo bāri bajabutse Yorodani, baja mu gihugu c’i Gadi n’i Gileyadi; ariko Sauli we yar’ akir’ i Gilugali; kand’ abāri bakiri kuri we bāri bakūtse imitima.
Abo bakuru bongere babaze abantu, bati Ni nde ari hano atinye, arandutse umutima? N’agende asubire i muhira, imitima ya bagenzi be ntihave isha cōba nk’uwiwe.
Ico gihe tumaze gushikīra ico gihugu, ngiha Abareyubeni n’ Abagadi, uhereye kuri Aroweri ho ku mwonga wo kuri Arunoni, n’ igice c’umugamba w’i Gileyadi, bo n’ibisagara vyaho;