Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




1 Samweli 13:7 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

7 Mbere bamwe bo mu Baheburayo bāri bajabutse Yorodani, baja mu gihugu c’i Gadi n’i Gileyadi; ariko Sauli we yar’ akir’ i Gilugali; kand’ abāri bakiri kuri we bāri bakūtse imitima.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




1 Samweli 13:7
15 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Kandi nzohoza igitsūre canje kuri mwebge, muzoneshwa n’abansi banyu: ababanka ni bo bazobaganza; kandi muzohunga ata kibirukanye.


Abo bakuru bongere babaze abantu, bati Ni nde ari hano atinye, arandutse umutima? N’agende asubire i muhira, imitima ya bagenzi be ntihave isha cōba nk’uwiwe.


Uhoraho azotuma muneshwa n’abansi banyu: muzojana inzira imwe mubateye, mu kubahunga muce mu nzira ndwi; muzoba akūmiza mu bihugu vyose vyo mw isi.


Ico gihe tumaze gushikīra ico gihugu, ngiha Abareyubeni n’ Abagadi, uhereye kuri Aroweri ho ku mwonga wo kuri Arunoni, n’ igice c’umugamba w’i Gileyadi, bo n’ibisagara vyaho;


n’i Gileyadi, n’ igihugu c’Abageshuri n’ic’ Abanyamayaka, n’umusozi wose w’i Herumoni, n’i Bashani hose gushitsa i Saleka;


Ikindi gihimba c’Abamanase, bo n’Abareyubeni n’Abagadi, bāri bamaze guhabga ishamvu yabo hakurya ya Yorodani ahahera i burasirazuba, nk’uko Mose umusavyi w’Uhoraho yabahaye;


None genda ubitāngāze, abantu bavyumve, ut’ Umuntu wese afise akōba atinya, n’atahe, ave kur’ uyu musozi Gileyadi. Nuko hataha abantu ibihumbi mirongwibiri na bibiri, hasigara ibihumbi cumi.


Nuko Sauli amaray’ imisi ndwi, arorereye Samweli, nk’uko yari yamuhaye indagano; arikw abantu bāri bāgiye biyonjorora bamuta, Samweli ataraza i Gilugali.


Maze Sauli n’Abisirayeli bose bumvise ayo magambo y’Umufilisitiya, barīhebūra, bagira ubgoba bginshi.


Maz’ ingabo z’Abisirayeli zo hakurya y’umwonga n’izo hakurya ya Yorodani, babonye kw Abisirayeli bahunze, kandi ko Sauli n’ abahungu biwe bapfuye, bata ibisagara vyabo, barahunga; Abafilisitiya baraza, baravyinjira.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ