6 Maz’ Abisirayeli babonye ko babuze epfo na ruguru, kuko bāri mu karindiro, baja kwinyegeza mu masenga no mu bisaka no mu bitandara no mu bihuma no mu vyobo vyimbiwe kubīka amazi.
Dawidi yishura Gadi, ati Ndagowe rwose: ni dupfume dukorokera mu maboko y’Uhoraho, kukw imbabazi ziwe ari nyinshi; ariko noye gukorokera mu maboko y’abantu.
Aba bantu n’abantu bāsahuwe, bānyazwe inkōkōre; bose bāratezwe, bagwa mu vyobo, kandi babanyegeje mu mabohero; n’abo gucika inyagano, ata wo kubakiza; n’abo gucika inyagano, ata wo kuvuga ati Barekure.
Ukw abe ari k’ uzobabgira, ut’ Uku ni k’Umwami Uhoraho agize, ati Ndahiye ukubaho kwanje, abasigaye mur’ ayo matongo ntibazobura guhindikiranywa n’inkota, n’ūri ku misozi nzomugabura mu bikōko bimurotse, kand’ abari mu bihome no mu masenga bazokwicwa n’ikīza.
Nukw Abamidiyani bamara igabo Abisirayeli, bituma Abisirayeli bironderera aho kuja kunyegera mu bihuma vyo ku misozi no mu masenga no mu maboma kubg’ abo Bamidiyani.
Bukeye Abanyezifu baja i Gibeya kwa Sauli, baramubarira, bati Mbeg’ aho ntuzi ko Dawidi yinyegeje i wacu, mu masenga y’i Horeshi, ku musozi Hakila, ahahera i bumanuko bg’ubugaragwa?