Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




1 Samweli 13:6 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

6 Maz’ Abisirayeli babonye ko babuze epfo na ruguru, kuko bāri mu karindiro, baja kwinyegeza mu masenga no mu bisaka no mu bitandara no mu bihuma no mu vyobo vyimbiwe kubīka amazi.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




1 Samweli 13:6
18 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Dawidi yishura Gadi, ati Ndagowe rwose: ni dupfume dukorokera mu maboko y’Uhoraho, kukw imbabazi ziwe ari nyinshi; ariko noye gukorokera mu maboko y’abantu.


Aba bantu n’abantu bāsahuwe, bānyazwe inkōkōre; bose bāratezwe, bagwa mu vyobo, kandi babanyegeje mu mabohero; n’abo gucika inyagano, ata wo kubakiza; n’abo gucika inyagano, ata wo kuvuga ati Barekure.


Nukw ico cobo Ishimayeli yashiburiyemw’ imivyimba yose y’abo yishe, ikahasanga uwa Gedaliya, ni co cari cimbishije umwami Asa kubgo gutinya Bayasha umwami w’Abisirayeli. Ishimayeli mwene Netaniya acuzuza abishwe.


Ukw abe ari k’ uzobabgira, ut’ Uku ni k’Umwami Uhoraho agize, ati Ndahiye ukubaho kwanje, abasigaye mur’ ayo matongo ntibazobura guhindikiranywa n’inkota, n’ūri ku misozi nzomugabura mu bikōko bimurotse, kand’ abari mu bihome no mu masenga bazokwicwa n’ikīza.


Ndazazaniwe mur’ ivyo bibiri, kuko nifuza gutaha ngo mbane na Kristo, kukw ari co kirushirije cane:


(isi ntiyar’ ibabereye ko bayibamwo), bāyerera mu bugaragwa no mu bisozi no mu masenga no mu vyobo.


Ab’ i Hayi bagize ngo barasubiza amaso inyuma, babona imyotsi y’ico gisagara idūze intumbgejuru, bituma bananirwa guhunga, babura epfo na ruguru; maze ba bandi bāri bīgize nk’abahungira mu bugaragwa barabahindukirana.


Hanyuma Abamoni bajabuka Yorodani baja gutera n’Abayuda na bo n’Ababenyamini n’ab’ umuryango w’Abefurayimu, bituma Abisirayeli babura epfo na ruguru.


Abisirayeli ni kwo kubahindukirana, Ababenyamini bakagwa igihūmura, kuko babonye yukw ivyago bibashikiriye.


Nukw Abamidiyani bamara igabo Abisirayeli, bituma Abisirayeli bironderera aho kuja kunyegera mu bihuma vyo ku misozi no mu masenga no mu maboma kubg’ abo Bamidiyani.


Nuko Samweli ava hasi, ava i Gilugali, aja i Gibeya h’i Bubenyamini. Maze Sauli aharūra abantu bari kumwe na we, baba nk’amajana atandatu.


Nuko bompi baseruka ah’ abo mu nsago z’Abafilisitiya bababona; maz’ Abafilisitiya baravuga, bat’ Ehe rāba Abaheburayo barasokorotse mu myobo bāri binyegejemwo!


Kand’ Abisirayeli bose bari binyegeje mu mugamba w’Abefurayimu, bumvise kw Abafilisitiya bahunze, na bo nyene babōma inyuma babarwanya.


Bukeye Abanyezifu baja i Gibeya kwa Sauli, baramubarira, bati Mbeg’ aho ntuzi ko Dawidi yinyegeje i wacu, mu masenga y’i Horeshi, ku musozi Hakila, ahahera i bumanuko bg’ubugaragwa?


Nukw araza, ashika ku birāro vy’intama vyar’ i ruhande y’inzira, kandi hār’ isenga. Maze Sauli aryinjiramwo kwihagarika. Kandi Dawidi n’ingabo ziwe bari bicaye hirya mur’ iryo senga.


Maz’ ingabo z’Abisirayeli zo hakurya y’umwonga n’izo hakurya ya Yorodani, babonye kw Abisirayeli bahunze, kandi ko Sauli n’ abahungu biwe bapfuye, bata ibisagara vyabo, barahunga; Abafilisitiya baraza, baravyinjira.


Abafilisitiya bumvise kw Abisirayeli bakoraniye i Misipa, abaganwa babo baca badūga kubatera. Abisirayeli bavyumvise, bagira ubgoba kubg’ Abafilisitiya.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ