Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




1 Samweli 13:5 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

5 Nukw Abafilisitiya barakorakorana ngo barwanye Abisirayeli; bāri bafise imikogote y’intambara ibihumbi mirongwitatu, n’abagendera ku mafarasi ibihumbi bitandatu, n’ingabo nyinshi nk’umusenyi wo kw isēsero ry’ikiyaga; baradūga, basagaza i Mikimashi ku ruhande rw’i Beti‐aveni ruhera i burasirazuba.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




1 Samweli 13:5
21 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

eka mbere no kuguha umugisha nzowuguha, kandi no kugwiza nzogwiza uruvyaro rwawe, rungane n’inyenyeri zo kw ijuru, canke n’umusenyi wo mw isēsero ry’ikiyaga; kandi ruzokwegukira amarembo y’abansi barwo;


Ariko jewe inama yanje, koranya Abisirayeli bose, uhereye i Dani ugashitsa i Beri‐sheba, bangane n’umusenyi wo mw isēsero ry’ikiyaga, kandi nawe ubgawe uz’ ujane na bo mu ntambara.


Maz’ Abisirayeli barakorakorana, bahitana impamba zabo, baragenda baratabara, baca insago ahahanganye na bo, bameze nk’udukuku tubiri tw’ impene, arikw Abasiriya bo bari bājimagije igihugu.


None rero, Uhoraho Mana, isezerano wasezeraniye data Dawidi ni rishike, kuko wangize umwami w’abantu b’isinzi, bangana n’umukungugu wo kw isi.


bashitse muri Ayati, baciye i Migironi; i Mikimashi ni ho basize ibintu vyabo vy’intēkera:


kand’ uruvyaro rwawe rwobaye nk’umusenyi, n’abava mu nda yawe bobaye nk’umuhekeheke wawo; izina ryawe ntiryorandutse canke ngo rizimangane imbere yanje.


Abapfakazi babo baragwiriye kurusha umusenyi wo ku kiyaga imbere yanje: nabagomoreye abanyazi ku murango w’amashōka, ngomoreye nyina w’abahungu; namusutseko giturumbuka umubabaro n’ ibiteye ubgoba.


Ababa i Samariya bazocika ivutu kubg’ inyana z’ibigirwamana z’i Betaveni, kukw abantu baho bazoziborogera, bo n’abaherezi bazo bāhora bazinezererwa, baborogere ubgiza bgazo, kuko bgashize.


Ewe Isirayeli, naho wīgize maraya, ntucumuze Yuda; kandi ntimukaje i Gilugali, canke ngo mudūge i Betaveni, canke ngo murahire uguhoraho kwanje Uhoraho.


Muvugirize inzamba i Gibeya, n’urumbete i Rama: muvugirize akarūru i Betaveni; ngah’ inyuma yawe, Benyamini!


Kandi Yesaya asemerera ivy’ Abisirayeli, at’ Igitigiri c’Abisirayeli n’iyo coba nk’umusenyi wo ku kiyaga, amasigarira ni yo azokira:


Nuko bazanana n’ingabo zabo zose; bāri benshi nk’umusenyi wo kw isēsero ry’ikiyaga, bo n’amafarasi n’imikogote vy’isinzi.


Urubibe rwabo rw’i burārūko rwāhēra kuri Yorodani, rukadūga ku mpinga y’umusozi ur’ i burārūko bg’i Yeriko, rukadūga mu mugamba rwerekeye i burengerazuba, rukagarukira mu bugaragwa bg’i Beti‐aveni.


Yosuwa atuma abantu bava i Yeriko ngo baje i Hayi; hari hafi y’i Betaveni, ku ruhande rw’i Beteli rw’i burasirazuba; arababarira, ati Ni mudūge, muje gutata ico gihugu. Nukw abo bantu baradūga, baja gutata Hayi.


Kand’ Abamidiyani n’Abamaleki n’ab’i burasirazuba bose bari bajimagije ico kiyaya, ar’ amasinzi nk’inzige, n’ingamiya zabo zitoharūrika, ar’ amasinzi nk’umusenyi wo kw isēsero ry’ikiyaga.


Maze Samweli aramubaza, at’ Ivyo wakoze n’ ibiki? Sauli aramwishura, at’ Erega nabonye abantu biyonjoroye bāntaye, kandi nawe nyene utaje muri ya ndagano, Abafilisitiya na bo bariko barakorakorana i Mikimashi;


Sauli yitoraniriza abantu mu Bisirayeli ibihumbi bitatu; muri bo, ibihumbi bibiri bāba kuri we i Mikimashi no ku musozi w’i Beteli; abandi igihumbi bāba kuri Yonatani i Gibeya h’i Bubenyamini; abasigaye arabacūra, umuntu wese yītāhira i we.


Uko ni k’Uhoraho yarokoye Abisirayeli uwo musi; kand’ urugamba rurinda rurenga i Beti‐aveni.


Imisi yose Sauli yabayeho hābaye indwano zigoye hagati yabo n’Abafilisitiya; kandi Sauli, iy’ abonye umuntu wese w’amagara kandi w’umuhizi yaca amujana i we.


Maz’ Abafilisitiya bakoranya ingabo zabo ngo batere; bazikoraniriza i Sokoho h’i Buyuda, basagaza ahitwa Efesi‐damimu, hagati y’i Sokoho n’i Azeka.


Uko ni kw Abafilisitiya bātsinzwe, ntibasubira kurenga urubibe rw’Abisirayeli; mbere mu gihe ca Samweli cose ukuboko kw’Uhoraho kwama gushikamiye Abafilisitiya.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ