4 Abisirayeli bose bumva bavuga ko Sauli yatsinze Abafilisitiya bo mur’ izo nsago, kandi kw ari bo nyene bāsomboroje Abafilisitiya. Nukw abantu bakōndōrera kuri Sauli i Gilugali.
Maze Yakobo abarira Simeyoni na Lewi, ati Munkwegeye ibara, kuko mutumye nzinukwa na ben’ igihugu, Abanyakanani n’Abaferizi; kandi ko tur’ inkehwa, bazokwikoraniriza hamwe, bantere, mpeze ndanduke, ndanduranwe n’inzu yanje.
at’ Umwuga wanyu n’umuki? muze mumwishure, mut’ Abasavyi bawe tur’ abanyenka, guhera mu buto bgacu kugeza n’ubu, twebge ubgacu uhereye no kuri ba sogokuruza. Muvuge murtyo kugira ngo mugerērwe mu gihugu c’i Gosheni, kuk’ ūragira wese ar’ umunenwa ku Banyegiputa.
Maz’ Abamoni babonye ko bateye Dawidi akayigo, batuma ku Basiriya b’i Beti‐rehobu n’ab’i Zoba, babaha impēra ngo babahe ingabo ibihumbi mirongwibiri, bahēra n’umwami w’i Mayaka, azana ingabo igihumbi, n’iz’ i Tobu ibihumbi cumi na bibiri.
barababarira, bat’ Uhoraho n’arābe ico mudukoreye, abahane, kuko mutumye Farawo n’abantu biwe batwanka urunuka, mukabaha inkota yo kutwica.
Mu kwezi kumwe ngeseza ba bungere batatu; kuk’ umutima wanje war’ ubarambiwe, kandi n’iyabo yari yanzinutswe.
Uhoraho abarira Yosuwa, at’ Uyu musi mbakūyekw agakēngērwe Abanyegiputa bābakēngereye, ndagatembagaje. Ni co catumye aho hantu hitwa Gilugali na bugingo n’ubu.
Kand’ uz’ unyitangire imbere, umanuke i Gilugali; nanje nyene nzomanuka ngusangeyo, nje kwosa ibimazi no gutanga ivy’ ishimwe. Uz’ undorēre imisi ndwi kugeza igihe nzogusangayo nkakwereka uk’ ukwiye kugenza.
Nuko Akishi aca yizigira Dawidi, akavuga, ati Yatumye Abisirayeli bagenzi biwe bamuzinukwa rwose; noneh’ abaye umuntu wanje gushitsa ibihe vyose.