Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




1 Samweli 13:3 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

3 Bukeye Yonatani atera abo mu nsago z’ Abafilisitiya i Geba, arabatsinda; abandi Bafilisitiya baravyumva. Maze Sauli avugisha inzamba mu gihugu cose, kugira ngw Abaheburayo bavyumve.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




1 Samweli 13:3
12 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Nuko Yowabu aca avuza inzamba, abantu bose barahagarara, ntibakomeza gukurikirana Abisirayeli canke kubarwanya ukundi.


Hār’ umuntu w’umugesera yitwa Sheba, mwene Bikuri Umubenyamini; aca avuza inzamba, aravuga, ati Dawidi nta co tumwegako, nta mugabane dufise kuri mwene Isayi: yemwe Bisirayeli, hogi twitahire, umuntu wese aje i muhira!


Ico gihe Dawidi yari mw isenga, kandi har’ insago z’Abafilisitiya i Betelehemu.


baserutse hejuru ku kavōvo, barāye i Geba: ab’ i Rama bafashwe n’agatengo, ab’ i Gibeya ho kwa Sauli barahunze!


Igihugu cose kizohinduka ikiyaya, uhereye i Geba ugashitsa i Rimoni ahahera i bumanuko bg’ i Yerusalemu: kandi Yerusalemu hazoshirwa hejuru habe aho hāhoze, uhereye kw irembo ry’igisagara ryitwa irya Benyamini, ugashitsa ah’ irembo rya mbere ryāhoze, ugashitsa no kw irembo ryo ku nkokora, kand’ uhereye ku munara w’amabuye wa Hananeli ugashitsa ku māto yimbge hasi baganiramwo vino z’i bgami.


na Kefaramoni na Ofuni na Geba: ivyo bisagara vyose na vyose vyar’ icumi na bibiri, bifise imihana ibikūkira;


Kandi ku vy’ umuryango w’Ababenyamini batanga Gibeyoni n’i Geba,


Ashitseyo, avugisha inzamba mu mugamba w’Abefurayimu: Abisirayeli bamanukana na we bavuye mur’ uwo mugamba, abagiye imbere.


Mpwemu w’Uhoraho aza kuri Gideyoni; aca avuza inzamba, maz’ Ababiyezeri bakoranira kuri we.


Hanyuma urashika ku musozi w’ Imana, ahar’ iboma y’Abafilisitiya; ni washika mur’ ico gisagara, uja guhūra n’agakama k’abavugishwa n’Imana bamanuka bavuye ahēra ho ku mpinga y’umusozi, bafise amakembe n’udushāko tw’ingoma n’imyironge n’inanga bigenda biravugira imbere yabo; uja gusanga bariko baravugishwa n’Imana.


Nuko Sauli na Yonatani umuhungu wiwe n’abari kumwe na bo baguma i Geba h’i Bubenyamini; arikw Abafilisitiya bāri bashagaje i Mikimashi.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ