1 Samweli 13:3 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)3 Bukeye Yonatani atera abo mu nsago z’ Abafilisitiya i Geba, arabatsinda; abandi Bafilisitiya baravyumva. Maze Sauli avugisha inzamba mu gihugu cose, kugira ngw Abaheburayo bavyumve. အခန်းကိုကြည့်ပါ။ |
Igihugu cose kizohinduka ikiyaya, uhereye i Geba ugashitsa i Rimoni ahahera i bumanuko bg’ i Yerusalemu: kandi Yerusalemu hazoshirwa hejuru habe aho hāhoze, uhereye kw irembo ry’igisagara ryitwa irya Benyamini, ugashitsa ah’ irembo rya mbere ryāhoze, ugashitsa no kw irembo ryo ku nkokora, kand’ uhereye ku munara w’amabuye wa Hananeli ugashitsa ku māto yimbge hasi baganiramwo vino z’i bgami.
Hanyuma urashika ku musozi w’ Imana, ahar’ iboma y’Abafilisitiya; ni washika mur’ ico gisagara, uja guhūra n’agakama k’abavugishwa n’Imana bamanuka bavuye ahēra ho ku mpinga y’umusozi, bafise amakembe n’udushāko tw’ingoma n’imyironge n’inanga bigenda biravugira imbere yabo; uja gusanga bariko baravugishwa n’Imana.