Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




1 Samweli 13:2 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

2 Sauli yitoraniriza abantu mu Bisirayeli ibihumbi bitatu; muri bo, ibihumbi bibiri bāba kuri we i Mikimashi no ku musozi w’i Beteli; abandi igihumbi bāba kuri Yonatani i Gibeya h’i Bubenyamini; abasigaye arabacūra, umuntu wese yītāhira i we.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




1 Samweli 13:2
24 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Hār’ umuntu w’umugesera yitwa Sheba, mwene Bikuri Umubenyamini; aca avuza inzamba, aravuga, ati Dawidi nta co tumwegako, nta mugabane dufise kuri mwene Isayi: yemwe Bisirayeli, hogi twitahire, umuntu wese aje i muhira!


ni muduhe abantu ndwi mu bahungu biwe, tubamanike imbere y’Uhoraho i Gibeya, ahāri kwa Sauli uwo Uhoraho yatoranije. Umwami arabishura, ati Nzobabaha.


na Helebu mwene Bayana w’i Netofati nyene, na Itayi mwene Ribayi w’i Gibeya h’Ababenyamini;


Abagabo b’i Mikimasi n’ijana na mirongwibiri na babiri.


Ababenyamini bāba i Geba n’i Mikimashi n’i Aya, n’i Beteli no mu bisagara bihakūkira,


na Sela na Elefu na Yebusi (ari ho Yerusalemu) na Gibeyati na Kiriyati: ivyo bisagara vyose na vyose vyar’ icumi na bine, bifise imihana ibikūkira. Iyo ni yo shamvu y’Ababenyamini, nk’ukw amazu yabo ari.


Nuko Yosuwa arabahezagira, arabasezera, barītāhira.


Ariko shebuja aramubarira, ati Ntitwokevya ngo tuje mu gisagara c’abanyamahanga kitar’ ic’ Abisirayeli; ariko ngo tujabuke dufate i Gibeya.


Sauli na we arītāhira, aja i muhira i Gibeya, acagatiwe n’abantu b’abahizi, abo Imana yakoze mu mitima.


Hanyuma urashika ku musozi w’ Imana, ahar’ iboma y’Abafilisitiya; ni washika mur’ ico gisagara, uja guhūra n’agakama k’abavugishwa n’Imana bamanuka bavuye ahēra ho ku mpinga y’umusozi, bafise amakembe n’udushāko tw’ingoma n’imyironge n’inanga bigenda biravugira imbere yabo; uja gusanga bariko baravugishwa n’Imana.


Sauli yīmye amaze imyaka mirongwitatu; amara imyaka ibiri ari ku ngoma aganza Abisirayeli.


Maze Samweli aramubaza, at’ Ivyo wakoze n’ ibiki? Sauli aramwishura, at’ Erega nabonye abantu biyonjoroye bāntaye, kandi nawe nyene utaje muri ya ndagano, Abafilisitiya na bo bariko barakorakorana i Mikimashi;


Nuko Samweli ava hasi, ava i Gilugali, aja i Gibeya h’i Bubenyamini. Maze Sauli aharūra abantu bari kumwe na we, baba nk’amajana atandatu.


Nuko Sauli na Yonatani umuhungu wiwe n’abari kumwe na bo baguma i Geba h’i Bubenyamini; arikw Abafilisitiya bāri bashagaje i Mikimashi.


Maz’ abo mu nsago z’Abafilisitiya barunguruza, bategera hejuru ku kavōvo k’i Mikimashi.


Nukw Abafilisitiya barakorakorana ngo barwanye Abisirayeli; bāri bafise imikogote y’intambara ibihumbi mirongwitatu, n’abagendera ku mafarasi ibihumbi bitandatu, n’ingabo nyinshi nk’umusenyi wo kw isēsero ry’ikiyaga; baradūga, basagaza i Mikimashi ku ruhande rw’i Beti‐aveni ruhera i burasirazuba.


Nuk’ uwo musi bica Abafilisitiya, uhereye i Mikimashi ugashitsa i Ayaloni; arikw abantu bari badendebukiwe cane.


Igitandara kimwe cari gihagaze ahahera i burārūko, aharābana n’i Mikimashi, ikindi ahahera i bumanuko, aharābana n’i Geba.


Imisi yose Sauli yabayeho hābaye indwano zigoye hagati yabo n’Abafilisitiya; kandi Sauli, iy’ abonye umuntu wese w’amagara kandi w’umuhizi yaca amujana i we.


Maze Samweli aja i Rama, Sauli na we aradūga, ataha i muhira i we i Gibeya.


Nukw araza, ashika ku birāro vy’intama vyar’ i ruhande y’inzira, kandi hār’ isenga. Maze Sauli aryinjiramwo kwihagarika. Kandi Dawidi n’ingabo ziwe bari bicaye hirya mur’ iryo senga.


Nuko Sauli arahaguruka, amanuka mu bugaragwa bg’i Zifu, ari kumwe n’ingabo ibihumbi bitatu zitoranijwe mu Bisirayeli, agiye kurondera Dawidi mur’ ubgo bugaragwa bg’i Zifu.


Aravuga, at’ Umve ubugene umwami agiye kubaganza azobagirira: azofata abahungu banyu abashinge gukora ivy’ imikogote yiwe n’ivy’ amafarasi yiwe, no kwiruka imbere y’imikogote yiwe;


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ