abo bami bāteye Bera umwami w’i Sodomu na Birusha umwami w’i Gomora, na Shinabu umwami w’i Adima, na Shemeberi umwami w’i Seboyimu, n’umwami w’i Bela (ari ho Sowari).
rukamanuka rwerekeye i burengerazuba, rurābana n’urubibe rw’Abayafuleti, rukarinda rushika ku rubibe rw’i Beti‐horoni ho hepfo, bo n’i Gezeri, rukagarukira ku kiyaga.
Maze haba gucika ivutu aho bashagaje n’inyuma yaho, mbere no mu ngabo zose; abo mu nsago na ba banyazi na bo bagwa mu gatengo; isi na yo iratigita, haba gucika ivutu gutewe n’Imana.