Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




1 Samweli 13:18 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

18 uwundi ujana inzira ija i Beti‐horoni; uwundi ujana inzira igendana urubibe rurāba ku mwonga w’i Seboyimu ahahera mu bugaragwa.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




1 Samweli 13:18
12 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Urugabano rw’Abanyakanani rwahēra i Sidoni, rukagenda rurābana n’i Gerari, rugashika i Gaza: rukagenda rurābana n’i Sodomu n’i Gomora n’i Adima n’i Seboyimu, rukagarukira i Lesha.


abo bami bāteye Bera umwami w’i Sodomu na Birusha umwami w’i Gomora, na Shinabu umwami w’i Adima, na Shemeberi umwami w’i Seboyimu, n’umwami w’i Bela (ari ho Sowari).


Yubaka n’i Beti‐horoni ho haruguru n’i Beti‐horoni ho hepfo, ibisagara bizitijwe inzitiro z’amabuye, bifise inzugi mu marembo n’ibihindizo.


Noshobora nte kuguheba ga Efurayimu? Noshobora nte kugutanga ga Isirayeli? Noshobora nte kukugirira nk’i Adima? Noshobora nte kuguhindura nk’i Seboyimu? Umutima wanje ubuze uburagamo muri jewe, n’imbabazi zanje zose zirakongerejwe.


Maz’ Uhoraho abaca umuhongo imbere y’Abisirayeli, babicira i Gibeyoni, barabahindikiranya, babakinagiza inzira yose idūga ija i Beti‐horoni, babica ingenda gushitsa i Azeka n’i Makeda.


Maze bakiriko barahunga Abisirayeli, bakimanuka bava i Beti‐horoni, Uhoraho arekura imināna ivuye mw ijuru, igenda irabahonda barinda bashika i Azeka. Nuko barapfa: abishwe n’ urwo rubura bāruta abo Abisirayeli bicishije inkota.


rukamanuka rwerekeye i burengerazuba, rurābana n’urubibe rw’Abayafuleti, rukarinda rushika ku rubibe rw’i Beti‐horoni ho hepfo, bo n’i Gezeri, rukagarukira ku kiyaga.


Urubibe rw’Abefurayimu, nk’ ukw amazu yabo ari, rwagenda rurtya: urugabano rw’ishamvu yabo rw’ahahera i burasirazuba rwahēra kuri Ataroti‐adara rugashika i Beti‐horoni ho haruguru:


Maze haba gucika ivutu aho bashagaje n’inyuma yaho, mbere no mu ngabo zose; abo mu nsago na ba banyazi na bo bagwa mu gatengo; isi na yo iratigita, haba gucika ivutu gutewe n’Imana.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ