16 Nuko Sauli na Yonatani umuhungu wiwe n’abari kumwe na bo baguma i Geba h’i Bubenyamini; arikw Abafilisitiya bāri bashagaje i Mikimashi.
baserutse hejuru ku kavōvo, barāye i Geba: ab’ i Rama bafashwe n’agatengo, ab’ i Gibeya ho kwa Sauli barahunze!
Sauli yitoraniriza abantu mu Bisirayeli ibihumbi bitatu; muri bo, ibihumbi bibiri bāba kuri we i Mikimashi no ku musozi w’i Beteli; abandi igihumbi bāba kuri Yonatani i Gibeya h’i Bubenyamini; abasigaye arabacūra, umuntu wese yītāhira i we.
Bukeye Yonatani atera abo mu nsago z’ Abafilisitiya i Geba, arabatsinda; abandi Bafilisitiya baravyumva. Maze Sauli avugisha inzamba mu gihugu cose, kugira ngw Abaheburayo bavyumve.
Kandi Sauli yar’ ashagaje ah’ i Gibeya hagarukira, musi y’igiti c’umukomamanga c’i Miguroni, ari kumwe n’abantu nk’amajana atandatu,