Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




1 Samweli 13:14 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

14 Ariko noneh’ ubgami bgawe ntibuzohangama; Uhoraho aramaze kwironderera umuntu ameze nk’uk’ umutima wiwe ugomba; kandi ni we Uhoraho yashinze ngw az’ abe segaba w’abantu biwe, kuk’ utumviye ic’ Uhoraho yakugeze.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




1 Samweli 13:14
21 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Kandi mu bihe vya kera, hamwe Sauli yar’ umwami wacu, ni wewe wajana Abisirayeli gutabara, mugatabarukana. Kand’ Uhoraho yarakubgiye kw ari wewe uzoragira abantu biwe b’ Abisirayeli, kandi k’uzoba segaba wabo.


Dawidi yishura Mikali, at’ Uhoraho ni we nariko ndiyereka, kandi ni we yantoranije kuruta so n’ab’ inzu yiwe bose, akangira segaba w’abantu biwe b’Abisirayeli. Ni co kizotuma niyereka Uhoraho.


riti Subira inyuma, ubarire Hezekiya segaba w’abantu banje, ut’ Uku ni k’Uhoraho, Imana ya sogokuruza Dawidi, agize: uti Ngo Yumvise ugusenga kwawe, abonye n’amosozi yawe; ut’ Eh’ azogukiza; uti Maze ku musi ugira gatatu uzodūga uje mu ngoro yiwe.


Uko ni ko Sauli yatanze, azize ibicumuro vyiwe yacumuye k’ Uhoraho, kukw atitondeye ijambo ryiwe, kandi kuko yaraguje umuntu azi guhamagara imizimu, ngw amusigurize,


Kand’ itoranya Dawidi umusavyi wayo, Imukūra mu mpongore z’ intama;


Kukw itunga ridahoraho, Canke mbeg’ ingoma ihorah’ ibihe vyose?


Maze Yesaya abarira Hezekiya, ati Ni wumve ijambo ry’Uhoraho Nyen’ ingabo.


Imukūye, ibahagurukiriza Dawidi kuba umwami wabo, imushingira intahe, iti Mbonye Dawidi mwene Isayi umuntu ameze nk’uk’ umutima wanje ugomba, azokora ivyo ngomba vyose.


Kandi Dawidi aronka ubutoni mu nyonga z’Imana, asaba kwubakira Imana ya Yakobo aho kuba.


Kukw iyo, (ni yo yaremewe vyose kandi ni yo ibeshejeho vyose), mu kurōngōra abana benshi ngw ibazane mu bgiza, vyari biyikwiye gutunganisha rwose indōngōzi y’agakiza kabo kubabazwa.


Kuk’ ubugarariji ari co kimwe n’icaha c’ubupfumu, kandi kuba ntagondwa ni kimwe no gusenga ibishushanyo n’ibigirwamana. Ko wanse ijambo ry’Uhoraho, na we yanse k’uba ku ngoma.


Samweli yishura Sauli, at’ Eka sinsubiranayo nawe; ko wanse ijambo ry’Uhoraho, na we yanse k’uba umwami w’Abisirayeli.


Maze Samweli aramubarira, at’ Uhoraho na we uyu musi agutabuyekw ingoma y’Abisirayeli, ayihaye mugenzawe akuruta.


Maz’ Uhoraho abaza Samweli, at’ Uzogeza hehe kuririra Sauli, kandi namaze kwanka kw aba umwami w’Abisirayeli? Uzuza ihembe ryawe amavuta, uheze uze ngutume kuri Isayi w’i Betelehemu, kuko nironkeye umwami mu bahungu biwe.


Nukw atuma ūja kumuzana. Kandi yar’ umuhungu w’inzobe, w’amaso meza, w’umunyakaranga. Maz’ Uhoraho aravuga, ati Va hasi, umusukekw amavuta, kuko wa wundi ar’ uyo.


Ni co gitumye Uhoraho, Imana y’Abisirayeli, avuga, ngo N’ukuri yari yaravuze yukw ab’ inzu yawe n’ab’ inzu ya sogokuruza bazokwama bamugendako bar’ imbere yiwe ibihe vyose; ariko noneh’ Uhoraho agize ngo Biragahera; ngo Kukw abamwubaha ari bo azokwubaha, arikw abamukēngēra bazokēngērwa.


Kandi rero ndazi k’utazobura kuba umwami, kandi kw ari wewe uzotuma ingoma y’Abisirayeli ihangama.


Nuko mugenzi, Uhoraho ni yamara kugushitsakw ivyiza vyose yakuvuzeko, akaguhindura segaba w’Abisirayeli,


at’ Ejo nka magingo aya nzokurungikira umuntu avuye mu gihugu c’Ababenyamini; uz’ umwimikishe amavuta, abe umwami w’abantu banje Abisirayeli. Ni we azokiza abantu banje, abakūre mu maboko y’Abafilisitiya; kuko nitegereje abantu banje, kand’ ugutaka kwabo kwanshitseko.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ