Bukeye akoroka kare ngw aje gusanganira Sauli; baramubarira, bati Sauli yari yagiye i Karumeli, ahīshingira icibutso; hanyuma arahindukira, akomeza inzira amanuka i Gilugali.
Kur’ uwo musi nyene hār’ umuntu umwe wo mu basavyi ba Sauli yari yashībijwe ngw agume imbere y’Uhoraho, yitwa Dowegi w’Umunyedomu, yar’ umubgiriza w’abungere ba Sauli.