Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




1 Samweli 13:11 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

11 Maze Samweli aramubaza, at’ Ivyo wakoze n’ ibiki? Sauli aramwishura, at’ Erega nabonye abantu biyonjoroye bāntaye, kandi nawe nyene utaje muri ya ndagano, Abafilisitiya na bo bariko barakorakorana i Mikimashi;

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




1 Samweli 13:11
12 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Uhoraho Imana abaza uwo mugore, at’ Ico wakoze ico n’igiki? Uwo mugore aramwishura, at’ Inzoka yampenze, ndabirya.


Na we aramubaza, at’ Ico wakoze ico n’igiki? Ijwi ry’amaraso ya murumunawe ririko rirantakambirira kw isi.


Maze Yowabu aragenda abaza umwami, ati Wakoze ibiki? Abuneri ngo yamanye nawe, uraheza uramureka arīgīra?


Maz’ araza, yinjira aho shebuja ari. Elisa aramubaza, at’ Uvuye hehe ga Gehazi? Uwundi at’ Eka nta ho nagiye.


bashitse muri Ayati, baciye i Migironi; i Mikimashi ni ho basize ibintu vyabo vy’intēkera:


Maze Yosuwa abarira Akani, ati Mwana wanje, enda ni wubahe Uhoraho Imana y’Abisirayeli, uyishire hejuru; mbarira ico wakoze, ntumpishe.


nuko nca niyumvira, nt’ Abafilisitiya bahava bamanuka ubu nyene i Gilugali bantere, kandi nanje ntaringinga Uhoraho ngw ampangaze; ni kwo gupfa guhāngāra, nosa ikimazi.


Nuko Sauli na Yonatani umuhungu wiwe n’abari kumwe na bo baguma i Geba h’i Bubenyamini; arikw Abafilisitiya bāri bashagaje i Mikimashi.


Sauli yitoraniriza abantu mu Bisirayeli ibihumbi bitatu; muri bo, ibihumbi bibiri bāba kuri we i Mikimashi no ku musozi w’i Beteli; abandi igihumbi bāba kuri Yonatani i Gibeya h’i Bubenyamini; abasigaye arabacūra, umuntu wese yītāhira i we.


Maz’ abo mu nsago z’Abafilisitiya barunguruza, bategera hejuru ku kavōvo k’i Mikimashi.


Nukw Abafilisitiya barakorakorana ngo barwanye Abisirayeli; bāri bafise imikogote y’intambara ibihumbi mirongwitatu, n’abagendera ku mafarasi ibihumbi bitandatu, n’ingabo nyinshi nk’umusenyi wo kw isēsero ry’ikiyaga; baradūga, basagaza i Mikimashi ku ruhande rw’i Beti‐aveni ruhera i burasirazuba.


Igitandara kimwe cari gihagaze ahahera i burārūko, aharābana n’i Mikimashi, ikindi ahahera i bumanuko, aharābana n’i Geba.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ