Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




1 Samweli 12:9 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

9 Ariko bibagira Uhoraho Imana yabo, abagabura mu maboko ya Sisera umugabisha w’ingabo za Hasori, no mu maboko y’Abafilisitiya no mu maboko y’umwami w’i Mowabu; barabarwanya.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




1 Samweli 12:9
15 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

nko mu bihe yaha abacamanza kuganza abantu biwe b’Abisirayeli; uti Kand’ azoguha impore hagati y’abansi bawe bose. Uti Mber’ Uhoraho arakubariye yukw azokugira igisata.


Bibagira Imana, Umukiza wabo, Yakoreye ibikomeye muri Egiputa;


Ariko baragarariza, bababaza Mpwemu wiwe yera; bituma ahinduka umwansi wabo, ubgiwe arwana na bo.


Mbeg’ umwigeme yoshobora kwibagira utugenegene twiwe? Cank’ umugeni yokwibagira umwitwikiro wiwe? Arikw abantu banje bānyibagiye imisi myinshi itoharūrwa.


Ca Gitandara mwavutseko ntimukicibuka: Mwibagiye Imana yabavyaye.


Umwe yoshoboye ate gukinagiza igihumbi, Na babiri kwirukana ibihumbi cumi, Iyo ca Gitandara cabo atabagura, Iy’ Uhoraho atabagabura?


Uburake bg’ Uhoraho buziriringira Abisirayeli, abagabura mu maboko y’Abafilisitiya no mu y’ Abamoni.


Maz’ Abisirayeli bongera gukora ivyo Uhoraho abona kw ari bibi; Uhoraho abatanga mu maboko y’Abafilisitiya kumara imyaka mirongwine.


Uburake bg’ Uhoraho buca buziriringira Abisirayeli, abagabura mu maboko y’ abanyazi, barabanyaga, abatanga mu maboko y’abansi babo babakikije, bituma batagishobora guhagarara imbere y’abansi babo.


Abisirayeli bongera gukora ivyo Uhoraho abona kw ari bibi, maz’ Uhoraho aha ubushobozi Eguloni umwami w’i Mowabu bgo kurwanya Abisirayeli, kuko bari bakoze ibibi mu nyonga ziwe.


Ehudi akurikirwa na Shamugari mwene Anati, yica Abafilisitiya amajana atandatu, abicisha umuhunda w’inyobozo y’inka; na we akiza Abisirayeli.


Uhoraho abagabura mu maboko ya Yabina umwami w’i Kanani, yaba i Hasori; kand’ umugabisha w’ingabo ziwe yari Sisera, yaba i Harosheti‐ha‐goyimu.


Ariko ni mutumvira Uhoraho, mugaca mu vyagezwe vyiwe, ukuboko kw’ Uhoraho kuzobarwanya, nk’uko kwarwanije ba sogokuruza.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ