6 Maze Samweli abarira abantu, at’ Uhoraho yatoranije Mose na Aroni, akadūgana ba sogokuruza abakūye mu gihugu ca Egiputa, ni we cabona.
Atuma Mose umusavyi wiwe, Na Aroni yatoranije.
Atobora igitandara, amazi aradudubiza, Atemba ahantu hagadutse nk’ uruzi.
Mose na Aroni bo mu baherezi biwe, Na Samweli wo mu bambaza izina ryiwe, Bārambaza Uhoraho, akabishura.
Abo ni bo ba bandi Aroni na Mose, Uhoraho yabariye, ati Ni mukūre Abisirayeli mu gihugu ca Egiputa, mubakurikiranye mu mice yabo.
Mose na Aroni abo, ni bo bavuganye na Farawo umwami wa Egiputa ivy’ ugukūra Abisirayeli muri Egiputa.
Uhoraho yadūganye Abisirayeli abakūra muri Egiputa, abakūjey’ uwavugishwa na we, kand’ uwavugishwa na we ni we yabazigama.
Ko nabadūganye nkabakūra mu gihugu ca Egiputa, nkabacungura nkabakūra mu nzu y’ubuja, nkarungika Mose na Aroni na Miriyamu kugira ngo babarōngōre.