Ni waramuka ugiriye nabi abakobga banje, canke ni wabaharika, umenye yuko, nah’ ata wundi muntu azoba ariho, Imana izoba ari yo cabona hagati ya twe nawe.
Habah’ urwamo rwinshi; bamwe mu banyabgenge b’ivyanditswe bo mu muce w’Abafarisayo bava hasi barahārīra, bati Nta kibi twabonye kur’ uyu muntu. Kumbure impwemu cank’ umumarayika yoba yavuganye na we.