Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




1 Samweli 12:3 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

3 Ehe ndi hano: ni munyagirize imbere y’Uhoraho n’imbere y’uwo yimikishije amavuta. Mbega har’ uwo nanyaze inka? Canke har’ uwo nanyaze indogoba? Har’ uwo nagunze? Har’ uwo natwaje igitugu? Canke har’ uwo nātse impongano ikampuma amaso? Vuga ndabarihe.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




1 Samweli 12:3
29 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Kuko nitondeye inzira z’ Uhoraho, Kandi sinakoze icaha co kureka Imana yanje:


Mber’ uyu musi mubasubize amatongo yabo, n’imirima yabo y’imizabibu n’imyelayo, n’amazu yabo; mubasubize na ca gice c’ijana c’amahera n’ic’ impeke n’ica vino n’ic’ amavuta ya elayo, ivyo mwābātse kw inyungu.


Ntagurānira amahera kuzohabga ay’ inyungu, Ntiyemera ingurire yo gutsindisha ūfise urubanza. Ūgenza artyo nta kizomunyiganyiza.


Ntukifuze inzu ya mugenzawe, ntukifuze umugore wa mugenzawe, cank’ umugurano wiwe, cank’ umuguranokazi wiwe, cank’ inka yiwe, cank’ indogoba yiwe, cank’ ikintu na kimwe ca mugenzawe.


Ni yaramuka afatanywe inyibano ikibona, ar’ inka cank’ indogoba cank’ intama, az’ ayitangane n’iyindi y’imperekeza.


Ntimuze mwemere ingurire: kukw ingurire ihuma amaso y’ ababona, kand’ igoreka imanza z’ abagororotsi.


Umuntu ahahamira inyungu atera imivurungano inzu yiwe, Arik’ uwanka ingurire azoramba.


iy’ akoze ico caha, akumva kw atsinzwe, az’ arihe ico yambuye, cank’ ico yaronkeshejwe n’agahahazo, cank’ ico yabikijwe, cank’ icari cazimiye yatoye,


cank’ ikindi kintu cose yarahiye ibinyoma; az’ akirihe uko kingana, kand’ akigerekeko n’ikingana n’ikigira gatanu caco: akirihe ina co ku musi nyene azotangakw ikimazi c’impongano.


Mose araraka cane, asaba Uhoraho, ati Ntiwemere amashikanwa yabo; urazi kw ata we nanyaze indogoba n’imwe, canke ngo hagire n’umwe nagiriye nabi.


Bati N’ivya Kayisari. Bun’ arababgira, ati Nuko rer’ ivya Kayisari ni mubihe Kayisari, ivy’ Imana mubihe Imana.


Zakayo arahagarara, abgira Umwami Yesu, ati Rāba Mugenzi, umugabane w’itunga ryanje ngira ndawuhe aboro; kand’ umuntu wese nagunze ndabimurihe kane.


Nta co nifuje, ar’ ifeza ar’ izahabu ar’ ivyambarwa vy’umuntu n’umwe.


Ehe niteguye kuza i wanyu ubugira gatatu: sinzobabera ikirusha. Kukw atar’ ivyanyu ndondera ariko ni mwebge ubganyu ndondera: kukw abana badakwiye kuziganiriza abavyeyi, arikw abavyeyi ni bo bakwiye kuziganiriza abana.


Ntimuze mugoreke imanza, ntimuze muce urwa nkunzi, canke ngo murye ingurire: kukw ingurire ihuma amaso y’ abanyabgenge, ikagoreka imanza z’ukuri.


Mwebge mur’ ivyabona hamwe n’Imana vy’ingene twamerera mwebge abizera, tur’ abera, tugororoka, tutarik’ umugayo:


Kukw ata na rimwe twigeze kuvuga ijambo dushashe akarimi, murabizi, cank’ ijambo ryo guhisha ukwifuza, Imana ni yo cabona c’ivyo.


Muragire ubusho bg’Imana bgo muri mwebge, mutaburagira nk’abagōberewe, ariko mubikunze, nk’ukw Imana igomba: ntimuburagirishwe no kurondera inyungu mbi, ariko muburagire mushize igikonyo.


Maze Samweli yābīra agakuza k’amavuta ya elayo, ayamusuka ku mutwe, aramugūmbīra, aravuga, ati Mbeg’ Uhoraho si we akwimitse ng’ ube ari wewe ugaba ishamvu yiwe?


Baramwishura, bat’ Eka ntiwatugunze, kandi ntiwadutwaje igitugu, canke ng’ ugire ico unyaga umuntu n’umwe.


Arababgira, at’ Uhoraho ni we cabona, bo n’uwo yimikishije amavuta, kw ata co mwambonanye. Baravuga, bati Ni we cabona.


Maze ngw Azokwihagurukiriza umuherezi w’umwizigirwa, umuntu azokora nk’ivyari mu mutima wiwe no mu vyiyumviro vyiwe; ngo Kand’ azomwubakira inzu izokwamaho; na we azogendanira uwo yimikishije amavuta ibihe vyose.


Kandi ga muvyeyi, ehe rāba nguyu umutwe w’impuzu yawe mu ntoke zanje! Ko nacacuye umutwe w’impuzu yawe sinkwice, none rero n’umenye kand’ ushirwe kw ata kibi cank’ ubugarariji ngufiseko; kandi sinagucumuyeko, nah’ umpīga ng’ unyice.


Maz’ abarira ingabo ziwe, at’ Uhoraho arakabishira kure yanje, sinkagire ikintu nk’ico ngirira umwami wanje, kand’ ari we Uhoraho yimikishije amavuta! Sinkamukozek’ ukuboko, kuko yimikishijwe amavuta n’Uhoraho.


Uko ni ko Dawidi yatesheje ingabo ziwe, ntiyabakundira kugurukira kuri Sauli. Nuko Sauli arahaguruka, ava mur’ iryo senga, arīgīra.


Uhoraho arakabishira kure yanje, ko nobangurira ukuboko uwo Uhoraho yimikishije amavuta; ariko ni wābīre iryo cumu riri ku mutwe wiwe, n’uwo mukuza w’amazi, uze tugende.


Ariko Dawidi yishura Abishayi, ati Ntumwice: har’ uwoshobora kubangurira ukuboko uwo Uhoraho yimikishije amavuta, ntābizire?


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ