Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




1 Samweli 12:22 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

22 Uhoraho ntazoheba abantu biwe, kubg’ izina ryiwe rikuru, kuko vyahimbaye Uhoraho kubagira abantu biwe yiharije.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




1 Samweli 12:22
49 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Kandi nzoba mu Bisirayeli, sinzoheba abantu banje.


Uhoraho Imana yacu abane natwe, nk’uko yabana na ba sogokuruza bacu; ntaz’ aduhebe, ntaz’ adute,


Arik’ Uhoraho ntiyari yaravuze kw azozimanganya izina ry’Abisirayeli musi y’ijuru, nuko rero, abakirisha Yerobowamu mwene Yehowasi.


Kandi nzoshiburira hirya amasigarira yo mw ishamvu yanje, mbagabure mu maboko y’abansi babo, bahinduke inyagano n’isahu ku bansi babo bose;


Kandi nawe, mwana wanje Salomo, ukwiye kumenya Imana ya so, uyisabane umutima utunganye kand’ ukunze; kuk’ Uhoraho asuzuma imitima yose, akamenya imigabo yose n’ivyiyumviro vyose. Ni wamurondera uzomubona, ariko ni wamuvako, azoguheba gushitsa ibihe vyose.


aja gusanganira Asa, aramubarira, ati Ni muntege amatwi, yewe Asa, mwe n’Abayuda n’Ababenyamini mwese: Uhoraho azokomeza kubana namwe ni mwakomeza kubana na we, kandi ni mwamurondera muzomubona; ariko ni mwamuheba na we azobaheba.


banka kuyumvira, canke ngo bibuke ibitangaza wakoze muri bo; ariko bagamika amazosi yabo, baragarariza, bironderera umugabisha ngo basubire mu buja bāhozemwo. Ariko wewe ur’ Imana ikunda guharira, ur’ inyabuntu, wuzuye imbabazi, uteba kuraka, ugira ikigongwe cinshi; nuko rero ntiwabataye.


Yamara kubg’ izina ryayo irabakiza, Kugira ngw imenyekanishe ubushobozi bgayo bukomeye.


Kuk’ Uhoraho atazota abantu biwe, Kand’ atazoheba ishamvu yiwe,


N’iki cotuma uha Abanyegiputa kuvuga, ngo Kubatēza ivyago ni kwo kwatumye ibakūra ino, ngw ibatsinde mu misozi miremire, ibahonnye mw isi? Enda se n’ushire uburake bgawe bg’inkazi, wigarure, ntutēze abantu bawe ivyo vyago.


Ut’ Arik’ Uhoraho ngw Azozigama uyu murwa kugira ngw awukize, abikoze kubgiwe no kubg’ umusavyi wiwe Dawidi.


Impahazwa n’ abakene barondera amazi bakayabura, ururimi rwabo rukagwa umwumwa; jewe Uhoraho nzobishura, jewe Imana ya Isirayeli sinzobaheba.


Nzozana impumyi mu nzira zitazi, ndazirōngōre mu ndari zitari zizi, nzohindura umwiza ube umuco imbere yazo, n’ahagoramye nzohagorora. Ivyo nzobishitsa, sinzobaheba.


Jewe, ni jewe nyene nsibanganya ibicumuro vyawe kubganje nyene, kand’ ivyaha vyawe sinzovyibuka ukundi.


n’umuntu wese yitirirwa izina ryanje, uwo naremeye icubahiro canje: naramubumvye, mbere naramuremye.


Kubganje, mbere kubganje nyene nzobikora; n’iki cotuma izina ryanje rikēngērwa? Kand’ icubahiro canje sinzogiha uwundi.


Mbeg’ umugore yokwibagira umwana akiri kw ibere, ngo yoye kugirira akagongwe ubura bgiwe? Ni koko, abo boshobora kwibagira, ariko jeho sinoshobora kukwibagira.


Kuko yavuze, ati N’ukuri n’abantu banje, abana batogunga; nuko rer’ ababera Umukiza.


Kubg’ izina ryawe ntutwanke urunuka; ntutītūze ingoma y’icubahiro cawe: n’utwibuke, ntiwice isezerano wasezeranye natwe.


Nah’ ibigabitanyo vyacu bitwagiriza, gira ico ukora kubg’ izina ryawe, Uhoraho we: kuko gusubira inyuma kwacu ari kwinshi, kandi twagucumuyeko.


N’iki cotuma uba nk’ umuntu atamāriwe, nk’umuhizi ayobewe gukiza? Yamara wewe Uhoraho, uri hagati muri twebge, kandi twitiriwe izina ryawe: ntuduhebe.


N’iki catumye utwibagira ibihe vyose, Kand’ ukaduheba kumara igihe kirekire kingana girtyo?


Ariko narwaniye izina ryanje, ngo ntirikēngēreke mu maso y’ amahanga, ari yo nyene yar’ abahanze amaso igihe nabakūrayo.


Ariko narwaniye izina ryanje, ngo ntirikēngēreke mu maso y’amahanga barimwo, ari yo nyene ubgayo nabiyerekeye imbere, igihe nabakūra mu gihugu ca Egiputa.


Narabakunze, ni k’Uhoraho agize. Yamara muravuga, muti Wadukunze mu biki? Mbega Esau ntiyari mukuru wa Yakobo? ni k’Uhoraho abaza; ariko rero nakunze Yakobo,


Ego me, Data, kuko washimye ko biba birtyo imbere yawe.


Si mwebge mwantoranije, ariko ni jewe nabatoranije, nabashizeho kugira ngo mugende murāma imbuto, kandi ngw imbuto zanyu zigumeho, kugira ngw ico muzosaba Data cose mw izina ryanje, akibahe.


Nuko ndabaza: Mbeg’ Imana yaciye abantu bayo? Eka na mba! Kuko nanje nd’ Umwisirayeli, wo mu ruvyaro rwa Aburahamu, wo mu muryango wa Benyamini.


Kukw ingabire z’Imana no guhamagara kwayo itavyicuza.


Ni nde aguteye kwitandukanya n’abandi? Kand’ ic’ ufise utāhawe n’igiki? Ariko namba waragihawe, n’iki gituma wirata, nk’ūtāgihawe?


kuzoba abo guhesha icubahiro ubgiza bgayo, twebge abizigiye Kristo kera.


kugira ng’ubgiza bg’ubuntu bgayo bushimwe, ubgo yatugabiriye mu wo ikunda.


Kuko mur’ ihanga ryera ryarobanuriwe Uhoraho Imana yanyu, kand’ Uhoraho akaba yarabītoranirije mu mahanga yose yo mw isi kuba ihanga yiharije.


Maz’ ico gihe uburake bganje buzobaziriringira, nanje ndabahebe, ndabahishe mu nyonga hanje, bamarwe n’ivyago vyinshi n’imibabaro bizobazako; bitume bavuga, bat’ Icateye ibi vyago kutuzako s’ukw Imana yacu itari muri twebge?


Mushikame, mushire amanga, ntimutinye, ntimubacikire ivutu: kuk’ Uhoraho Imana yanyu ari we azojana namwe; ntazobaheba, ntazobata.


Uhoraho ni we azokuja imbere; azobana nawe, ntazoguheba, ntazoguta; ntutinye, nturanduke umutima.


Kuko mur’ ihanga ryera ryarobanuriwe Uhoraho Imana yanyu; kand’ Uhoraho Imana yanyu yabatoranije mu mahanga yose yo mw isi ngo mube ihanga yiharije.


Ukugororoka kwanyu canke gutungana kw imitima yanyu si vyo bizoba bitumye mwinjira igihugu cabo ngo mucegukire; arik’ ukugabitanya kw’ayo mahanga ni kwo kuzoba gutumye Uhoraho Imana yanyu abirukana imbere yanyu, kugira ngw ashitse ijambo yarahiye ba sogokuruza banyu, Aburahamu na Isaka na Yakobo.


Kand’ ico nizigiye ntakekeranya, n’uk’ uwatanguye igikorwa ciza muri mwebge azogiheraheza gushitsa ku musi wa Yesu Kristo.


Gukunda amahera ntikube mu ngeso zanyu; ivyo mufise bibabumbe; kuk’ ubgayo yavuze, iti Nta ho nzoguhemukira, nta ho nzoguta.


Kukw Abanyakanani n’abari mu gihugu bose bazovyumva, bāze batuzingazinge, bazimirize izina ryacu mw isi: non’ izina ryawe rikomeye uzorirwanira ngw iki?


Ariko mweho mur’ ubgoko bgātoranijwe, mukoranije kuba abami n’abaherezi, mur’ ihanga ryera, abantu bāshiriweho kuba inyegu yiharije, kugira ngo mukwize ishimwe ry’Iyabahamagaye, ikabakūra mu mwiza, ikabashitsa mu muco wayo utangaje:


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ