Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




1 Samweli 12:21 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

21 Ntimukikame ngo mukurikire ivy’ impfagusa bidashobora kugira ikimazi canke gukiza, kukw ar’ ubusa gusa.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




1 Samweli 12:21
21 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Bakēngēra amateka yiwe, n’isezerano yasezeranye na ba sekuruza, n’imbūri yababūriye, bagakurikira ibitagira ikimazi, baca bahinduka ba nta kimazi, bīgāna amahanga abakikije, abo Uhoraho yari yarabihanikirije ngo ntibabīgāne.


Rāba bose ibikorwa vyabo nta co birimwo kandi n’ubusa gusa: ibishushanyo vyabo vyāvugutiwe mu nkero ni bga muyaga kandi n’ubusa.


Ni mukorane, ni muze, mwīgirire hafi hamwe, mwebge abarokotse bo mu mahanga: abīkorera igiti c’ikigirwamana cabo c’ikibāzano, bagasenga imana idashobora gukiza, nta bgenge bagira.


Maze bakayishira ku bitugu bakayirerura, bakayishinga mu kibanza cayo, igahagararaho ntisegenye; mbere nah’ umuntu yoyitakambira, ntiyoshobora kumwishura, canke ngw imukize amagorwa yiwe.


N’ivy’ ubusa gusa, n’igikorwa c’uruhendo; igihe cabo co kūzirwa bizoherengetezwa.


Ariko bose uko bangana n’ibiyingiyingi n’ibipfu; ukwigisha kw’igishushanyo guhwanye n’igiti buti.


Mu bigirwamana vy’imburakimazi vy’ amahanga har’ ivyoshobora kurekura imvura? Cank’ ijuru ubgaryo ryoshobora kurekura iy’ umurindi? Mbeg’ ūbishobora si wewe Uhoraho Mana yacu? Ni co gituma tukwitega; kukw ari wewe waremye ivyo vyose.


Ewe Uhoraho, nkomezi zanje, gihome canje, buhungiro bganje ku musi w’amagorwa, amahanga azoza kuri wewe avuye mw isi yose iy’ iva ikagera, bavuge, bati Ba sogokuruza bacu nta kindi bārazwe atar’ ibinyoma n’ivy’ ubusa n’ibitagira ikimazi.


kukw abantu banje bakoze ibibi bibiri: bataye jewe, isōko y’amazi y’ubugingo, bakīyimbira ivyobo vyo kubīka amazi, ivyobo vyatobotsemw’ imishwena, bidashobora kugumamw’ amazi.


uku ni k’Uhoraho agize, ati N’ibigabitanyo ki ba sogokuruza banyu bānsanganye, ko bāngiye kure, bagakurikira ibitagira ikimazi, na bo ubgabo bagahinduka imburakimazi?


Aberekeza umutima ku bitagira ikimazi vy’ibinyoma Baba bataye guharirwa.


Ariko jeho nzogushikanira ikimazi nsēsereza impundu, Kandi nzoshitsa ivyo nasezeranye. Agakiza kava k’Uhoraho.


Igishushanyo kibājwe kimaze iki, vyotuma umubāji akibāza, cank’ igishushanyo kivugutiwe mu nkero kiragura ibinyoma, vyotuma uwakivugutiye acizigira, akironkera ibigirwamana vy’ibiragi?


bati Yemwe bagabo, n’iki gitumye mugira murtyo? Natwe tur’ abantu buntu, tumeze nkamwe, kandi tubabgira ubutumwa bgiza, ngo mureke ivyo bitagira ikimazi, muhindukirire Imana nzima, yaremye ijuru n’isi n’ikiyaga n’ibirimwo vyose,


Nuko, ku vyo kurya ivyaterekerejwe ibigirwamana, turazi yukw igishushanyo atar’ ikintu mw isi, kandi yukw ata mana yindi iriho, atar’ Imwe.


Ariko mwirinde, imitima yanyu yoye gusukwa, mugakikama, mugasaba izindi mana, mukazisenga,


Ariko ni mwakikama mu mitima yanyu, mukanka kwumvira, mukemera inyosha, mugasenga izindi mana, mukazisaba,


Ati Bantēje ifūhe ibitar’ Imana; Bandakishije ibigirwamana vyabo vy’ubusa: Nuko nanje nzobatēza ishari abatar’ ihanga ry’ukuri, Nzobarakisha ihanga ry’imburabgenge.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ