Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




1 Samweli 12:20 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

20 Maze Samweli yishura abantu, ati Nta co mutinya: ivyo bibi vyose mwarabikoze koko; ariko noneho ntimukikame ngo mureke gukurikira Uhoraho; ariko musabishe Uhoraho imitima yanyu yose.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




1 Samweli 12:20
15 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Kandi nawe, mwana wanje Salomo, ukwiye kumenya Imana ya so, uyisabane umutima utunganye kand’ ukunze; kuk’ Uhoraho asuzuma imitima yose, akamenya imigabo yose n’ivyiyumviro vyose. Ni wamurondera uzomubona, ariko ni wamuvako, azoguheba gushitsa ibihe vyose.


Sinzogira ikibi nshira imbere y’amaso yanje: Nanka igikorwa c’ibigoryi; Ntikizomatana nanje.


Arikw abizimagiriza mu nzira zabo zigoramye, Uhoraho azobashorerana n’ inkozi z’ibibi. Amahoro abe mu Bisirayeli.


Hahirwa umuntu ashira ivyizigiro vyiwe k’Uhoraho, Kandi ntahindukirire abībone, cank’ abizimagiriza mu binyoma.


Ariko jewe Uhoraho Imana yanyu abe ari jewe musaba, nanje nzohezagira ivyo kurya vyanyu n’amazi yanyu, kandi nzokūra indwara muri mwebge.


Bukeye bgaho, Mose abarira abantu, ati Mwakoze icaha gikomeye; none ngira ndūge nje k’ Uhoraho, kumbure nobona ingene mbatangira impongano kubg’ icaha canyu.


Baravuga, bat’ Umuntu ni yirukana umugore wiwe bakavana, akābīrwa n’uwundi mugabo, mbeg’ uwo mugabo wiwe yosubira kumugarukana ukundi? Mbega n’igihugu nyene nticoba cononekaye? Nawe wīgize maraya ku būzure batari bake; non’ ugira ngo wongarukako? ni jewe Uhoraho mbibajije.


nk’ukw ijambo ryanje riri nabasezeraniye igihe mwava muri Egiputa, kandi Mpwemu wanje akaba muri mwebge: nuko ntimutinye.


None rero, yemwe Bisirayeli, mbega har’ ikindi Uhoraho Imana yanyu abagombako, atar’ ukumwubaha, no kugendera mu nzira ziwe zose, no kumukunda, no kumukorera n’imitima yanyu yose n’ubugingo bganyu bgose,


Ariko mwirinde, imitima yanyu yoye gusukwa, mugakikama, mugasaba izindi mana, mukazisenga,


Kuko nzi yuko, ni namara gupfa, muzokwononekara rwose, mugakikama mugata inzira mbagera uyu musi; kand’ amaherezo, ivyago bizobatera, kuko muzoba mukoze ivyo Uhoraho abona kw ari bibi, mukamurakisha ibikorwa vy’intoke zanyu.


Nuko rero ni mugumye imitima, mushikame, mubone kwitondera no gushitsa ivyanditswe vyose mu gitabo c’ivyagezwe vya Mose, kugira ngo ntimukikamire i buryo cank’ i bumoso, ngo mubiveko,


mufise imitima itarimw’ ijwi ribāgiriza ikibi, kugira ngo no ku vyo muvugwa nabi, abatuka ingeso zanyu nziza zo muri Kristo bamāramāre.


Nukw abantu bose babarira Samweli, bati Dusengere k’Uhoraho Imana yawe, twebge abasavyi bawe, twoye gupfa, kuko twageretse ku vyaha vyacu vyose iki caha co kwisabira umwami.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ