2 Eh’ umwami azobarōngōra nguyo; jeho ndashaje, mmeze imvi; kandi rāba abahungu banje muri kumwe: nanje murazi ko nabarōngōye uhereye mu buto bganje ugashitsa n’ubu.
Mana, ntumpebe, kugeza no mu butāma bganje mmeze imvi; Ntarabarira ab’ igihe kizoza amaboko yawe, Ntarabarira abazovuka bose inkomezi zawe.
wo kubaja imbere amaja n’ amaza, abaturutsa akabacūra: kugira ngw ishengero ryawe, Uhoraho, ryoye kumera nk’intama zitagira umwungere.
Kuko jeho n’ubu ndiko ndasukwa nk’ibisukwa ku gicaniro, igihe co gutāmbūra kwanje kirashitse;
Hashize igihe kirekire, Uhoraho ahaye Abisirayeli impore, abakijije abansi babo bose bari babakikije; kandi Yosuwa yar’ ashaje, ageze mu zabukuru;
Yosuwa ahamagaza Abisirayeli bose, abashingantahe babo n’abakuru, n’abacamanza babo n’abagabisha b’ingabo, arababarira, ati Rāba ndashaje, ngeze mu zabukuru.
Kuko nzi yukw igihe co kwamburwa urusago rwanje kiza kuza gitebutse, nk’uk’ Umwami wacu Yesu Kristo yammenyesheje.
Nuko Eli yar’ ageze mu zabukuru; kandi yama yumva ivyo abo bahungu biwe bagirira Abisirayeli bose, kandi ko basambana n’abagore bākora ibikorwa vyo ku muryango w’ihema ry’ibonaniro.
Ngo N’iki gituma mutimamukira ibimazi vyiwe n’amashikanwa yiwe, ivyo yashinze ko bamuzanira mu ngoro yiwe, ng’ Ukūbaha abahungu bawe kubamurutisha, mukīgaburira ibinoboye vyo mu bimazi vyose abantu biwe b’Abisirayeli bamushikanira, mukīvyibuhira?
Maz’ Uhoraho araza ahagarara ngaho, aramuhamagara nk’ubga mbere, ati Samweli we! Ewe Samweli! Na we ati N’uvuge, kuk’ umusavyi wawe nteze amatwi.
Kuko mmaze kumubgira yuko ngiye guha inzu yiwe igihano kitazobavako, mbahōye ukugabitanya yirengagije, kukw abahungu biwe bihamagariye umuvumo, na we ntabateshe.
Maze Eli aramuhamagara, ati Mwana wanje Samweli! Na we ati Sabge!
Maze Samweli ageze mu zabukuru, abahungu biwe abagira abacamanza b’Abisirayeli;
kugira ngo natwe tumere nk’ayandi mahanga yose, tugire umwami wo kuducīra imanza no kutuja imbere no kuturwanira mu ntambara.
Yamar’ abo bahungu biwe ntibāri n’ingeso nk’ iziwe, ariko bākebereje gukurikira inyungu mbi, bakarya ingurire, bakagoreka imanza.
baramubarira, bat’ Ehe rāba urashaje, kand’ abahungu bawe ntibafise ingeso nk’izawe; none rer’ utwimikire umwami wo kuducīra imanza nk’ayandi mahanga yose.