19 Nukw abantu bose babarira Samweli, bati Dusengere k’Uhoraho Imana yawe, twebge abasavyi bawe, twoye gupfa, kuko twageretse ku vyaha vyacu vyose iki caha co kwisabira umwami.
None rero subiza uwo mugabo umugore wiwe, kukw ar’ūvugishwa nanje; na we azogusengera, ubone kubaho. Ariko n’utamumusubiza, umenye yuk’ utazobura gupfa, mwe n’abawe bose.
Ni yo ibirungika, ari bga nkoni ihanisha igihugu cayo, Cank’ ar’ uguhesha umugisha.
None rero ni mwijanire amashūri ndwi n’impfizi z’intama ndwi, muje ku musavyi wanje Yobu, mwitangire ibimazi vyoswa; kand’ umusavyi wanje Yobu azobasabira, kukw ari we nzokwemera, kugira ngo noye kubagirira nk’uk’ ubupfu bganyu bumeze; kuko mutamvuzekw ibiroranye, nk’uk’ umusavyi wanje Yobu yagize.
None rero ndakwinginze, icaha canje ukimparire iri rimwe gusa, munyingingire Uhoraho Imana yanyu, ankūrek’ uru rupfu iri rimwe gusa.
Bukeye bgaho, Mose abarira abantu, ati Mwakoze icaha gikomeye; none ngira ndūge nje k’ Uhoraho, kumbure nobona ingene mbatangira impongano kubg’ icaha canyu.
Munyingingire Uhoraho, kukw iyi mituragaro iteye ubgoba n’uru rubura bimpotoye; nanje ndabarekura, mugende, ntimuzokwongera kugumizwa ino.
Uhoraho, aho baboneye amagorwa ni ho bagushengereye; iy’ uguhana kwawe kubashikiriye basuka amajojwa.
Maz’ Uhoraho arambarira, ati Naho Mose na Samweli bohagarara imbere yanje, umutima wanje ntiwohangaza ubu bgoko: bahinde, bave mu nyonga zanje, bagende.
Namb’ ar’ abavugishwa n’Imana, kandi namb’ ijambo ry’Uhoraho riri muri bo, ni bashireko binginge Uhoraho Nyen’ ingabo ngw ibintu vy’imbombovu bisigaye mu ngoro y’Uhoraho no mu ngoro y’umwami w’i Buyuda, n’i Yerusalemu, bireke kujanwa i Babuloni.
Maz’ umwami Zedekiya atuma Yehukali mwene Shelemiya na Zefaniya mwene Mayaseya umuherezi kuri Yeremiya uwavugishwa n’Imana, ati N’udusengere k’Uhoraho Imana yacu.
bēgēra uwavugishwa n’Imana Yeremiya, bati Turakwinginze, emera ico tugusaba, udusengere k’Uhoraho Imana yawe, twebge aya masigarira twese; kuko dusigaye turi bake twahora turi benshi, nk’uko nawe utwibonera:
Enda rero, ni mwinginge Imana idutunge, itugirire ikigongwe, kukw ivyo vyabaye kubganyu: mbega nyene, hari n’umwe muri mwebge yokwemerera ko babonana? ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo abaza.
Abantu baza kuri Mose, bati Twakoze icaha, kuko twatonganije Uhoraho nawe; udusabire k’Uhoraho, adukūremw’ izi nzoka. Nuko Mose arabasabira.
Simoni aramwishura, ati Munsengere Umwami Imana, ivyo muvuze hoye kugira ikimbako.
Kand’ ugusenga gufatanije n’ukwizera kuzokiza umurwayi, Umwami azomuvyura: kand’ asanzwe yarakoze ivyaha azobiharirwa.
Umuntu ni yabona mwene Data wundi akora icaha kitar’ ico kumwicisha, asenge, azohesha ubugingo abakoze ivyaha bitar’ ivyo kubicisha. Har’ icaha co kwicisha: ico si co mvuze kw asengera.
None rero, nguyo umwami mwitoranirije kandi mwasavye; Uhoraho abahaye umwami wo kubaganza.
Mbeg’ ubu si mw igenya ry’ingano? None ngira nsabe Uhoraho arungike imvura irimw’ imituragaro; muca mumenya kandi mubone kw ibigabitanyo vyanyu ari vyinshi, ivyo mwagabitanije imbere y’Uhoraho, ko mwisabiye umwami.
Maze Samweli yishura abantu, ati Nta co mutinya: ivyo bibi vyose mwarabikoze koko; ariko noneho ntimukikame ngo mureke gukurikira Uhoraho; ariko musabishe Uhoraho imitima yanyu yose.
Kandi nanje, ntibikanzeko ko noreka kubasengera, ngacumura k’Uhoraho, ariko nzokwama mbarangira inzira nziza itunganye.
Bukeye Samweli aravuga, at’ Abisirayeli bose ni mubakoranirize i Misipa, nanje nzobasengera k’ Uhoraho.
Abisirayeli babarira Samweli, bati Ntuhengeshanye kudutakambira k’Uhoraho Imana yacu, kugira ngw adukize, ntidukorokere mu maboko y’Abafilisitiya.
Arikw iryo jambo ribabaza Samweli, ko bavuze ngo n’abahe umwami wo kubacīra imanza; araheza asenga Uhoraho.