18 Nuko Samweli asaba Uhoraho; maz’ uwo musi nyene Uhoraho arekura imvura irimw’ imituragaro; abantu bose baca bagirira Uhoraho na Samweli ubgoba bginshi.
Nuko Ahabu aradūga, aja gufūngura. Eliya na we aradūga, aja ku mpinga y’uwo musozi Karumeli, arunama ashika hasi, acurika umutwe mu maguru.
Nuko mur’ iyo misi itatu Abayuda n’Ababenyamini bose bari bamaze gukoranira i Yerusalemu; hāri ku musi ugira mirongwibiri w’ukwezi kw’icenda; abantu bose bagandagaza ku kibuga imbere y’ ingoro y’Imana, bahindishwa agashitsi n’ivyo, kandi n’uko hāri n’ imvura nyinshi.
Ni yo ibirungika, ari bga nkoni ihanisha igihugu cayo, Cank’ ar’ uguhesha umugisha.
Mose na Aroni bo mu baherezi biwe, Na Samweli wo mu bambaza izina ryiwe, Bārambaza Uhoraho, akabishura.
Nukw Abisirayeli babona ibihambaye Uhoraho yakoreye Abanyegiputa: baca batinya Uhoraho, baramwizera, bo n’umusavyi wiwe Mose.
Ku musi Uhoraho yagabuye Abamori mu maboko y’Abisirayeli, Yosuwa abarira Uhoraho, maz’ avugira imbere y’Abisirayeli, ati Zuba, hagarara kuri Gibeyoni; nawe kwezi, hagarara mu kiyaya Ayaloni.
Kur’ uwo musi Uhoraho akuza Yosuwa imbere y’Abisirayeli bose, baramwubaha imisi yose yamaze akiriho, nk’uko bubaha Mose.