Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




1 Samweli 12:17 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

17 Mbeg’ ubu si mw igenya ry’ingano? None ngira nsabe Uhoraho arungike imvura irimw’ imituragaro; muca mumenya kandi mubone kw ibigabitanyo vyanyu ari vyinshi, ivyo mwagabitanije imbere y’Uhoraho, ko mwisabiye umwami.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




1 Samweli 12:17
13 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Mose na Aroni bo mu baherezi biwe, Na Samweli wo mu bambaza izina ryiwe, Bārambaza Uhoraho, akabishura.


Bukeye bgaho, Mose abarira abantu, ati Mwakoze icaha gikomeye; none ngira ndūge nje k’ Uhoraho, kumbure nobona ingene mbatangira impongano kubg’ icaha canyu.


Nk’uko shelegi itabereye mu gihe c’umumero, n’ imvura mu gihe c’iyimbura, Ni ko n’ukwubaha igipfu kutabereye.


Maz’ Uhoraho arambarira, ati Naho Mose na Samweli bohagarara imbere yanje, umutima wanje ntiwohangaza ubu bgoko: bahinde, bave mu nyonga zanje, bagende.


Ku musi Uhoraho yagabuye Abamori mu maboko y’Abisirayeli, Yosuwa abarira Uhoraho, maz’ avugira imbere y’Abisirayeli, ati Zuba, hagarara kuri Gibeyoni; nawe kwezi, hagarara mu kiyaya Ayaloni.


None rero, nguyo umwami mwitoranirije kandi mwasavye; Uhoraho abahaye umwami wo kubaganza.


Nukw abantu bose babarira Samweli, bati Dusengere k’Uhoraho Imana yawe, twebge abasavyi bawe, twoye gupfa, kuko twageretse ku vyaha vyacu vyose iki caha co kwisabira umwami.


Abarwanya Uhoraho bazovunagurika, Azoturagara ari mw ijuru, abakankamire. Uhoraho azocira imanza abo ku mpera z’isi; Kand’ azoha inkomezi umwami wiwe, Ashire hejuru ihembe ry’uwo yimikishije amavuta.


Bukeye Samweli aravuga, at’ Abisirayeli bose ni mubakoranirize i Misipa, nanje nzobasengera k’ Uhoraho.


Arikw iryo jambo ribabaza Samweli, ko bavuze ngo n’abahe umwami wo kubacīra imanza; araheza asenga Uhoraho.


Uhoraho abarira Samweli, ati Ni wemerere abo bantu ico bakwātse cose, kukw atari wewe banse, ariko ni jewe banse ngo simbe Umwami wabo.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ