16 Nuko none hagarara murābe ikintu gihambaye Uhoraho agira akorere imbere yanyu.
Mose yishura abantu, ati Nta co mutinya: mwihagararire gusa, murābe agakiza Uhoraho agira ngw abazanire uyu musi: kukw Abanyegiputa mubonye uyu musi mutazokwongera kubabona ukundi.
Nukw Abisirayeli babona ibihambaye Uhoraho yakoreye Abanyegiputa: baca batinya Uhoraho, baramwizera, bo n’umusavyi wiwe Mose.
Nuko none ni muhagarare, mbāgiririze imbere y’ Uhoraho, mbereke n’ivyo yabagiriye vyose mu bugororotsi, mwe na ba sogokuruza.
Maze Samweli yishura Sauli, ati Hagarara! Hinge nkubarire nanje ivyo Uhoraho yarāye ambariye iri joro. Aramwishura, at’ Ego, vuga.