Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




1 Samweli 12:15 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

15 Ariko ni mutumvira Uhoraho, mugaca mu vyagezwe vyiwe, ukuboko kw’ Uhoraho kuzobarwanya, nk’uko kwarwanije ba sogokuruza.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




1 Samweli 12:15
12 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

aja gusanganira Asa, aramubarira, ati Ni muntege amatwi, yewe Asa, mwe n’Abayuda n’Ababenyamini mwese: Uhoraho azokomeza kubana namwe ni mwakomeza kubana na we, kandi ni mwamurondera muzomubona; ariko ni mwamuheba na we azobaheba.


Na ho ni mwanka mukagarariza, inkota izobarya: kukw akanwa kanje Uhoraho ari ko kabivuze.


Umunyavyaha azobona ibara! Azomererwa nabi, kukw azogererwa ingero y’ivyo amaboko yiwe yakoze.


Uhoraho aragororotse, ariko jeho nagararije ivyagezwe vyiwe: Ni mwumve ndabinginze, mwebge mwa mahanga yose, mwitegereze umubabaro wanje: Abakobga banje n’abahungu banje bagiye ar’ inyagano.


Kuko nzi ubugarariji bganyu, n’ukuntu mutagonda izosi; ko mukunda kugarariza Uhoraho nkiriho, nkiri kumwe namwe mur’ iki gihe, ntimuzorushiriza ni namara gupfa?


Kuko ni mwaheba Uhoraho, mugasaba imana z’inyamahanga, azohindukira abagirire nabi, abarandure, naho yari yarabagiriye neza.


Aho bāja gutera hose, Uhoraho yarabarwanya, nk’uko yari yaravuze akabarahira; bituma baja mu vyago bikomeye.


Ariko bibagira Uhoraho Imana yabo, abagabura mu maboko ya Sisera umugabisha w’ingabo za Hasori, no mu maboko y’Abafilisitiya no mu maboko y’umwami w’i Mowabu; barabarwanya.


Bamaze kuyishikanayo, ukuboko kw’Uhoraho kurwanya ico gisagara, kubaca ivutu; atērēra ibihute abo mur’ ico gisagara, abato n’abakuru, bisēsa ku mibiri yabo.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ