1 Samweli 12:14 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)14 Mugabo, ni mwubaha Uhoraho, mukamusaba, mukamwumvira, ntimugararize ngo muce mu vyagezwe vyiwe, kandi mwe n’umwami wanyu abaganza, ni mwagendanira Uhoraho Imana yanyu, bizoba vyiza. အခန်းကိုကြည့်ပါ။ |
Kand’ uwo muvugishwa cank’ uwo murōsi baze bamwice, kukw azoba avuze ibibatera kugarariza Uhoraho Imana yanyu, n’ivyo kubakūra mu nzira Uhoraho Imana yanyu yabarangiye ngo muyicemwo, kand’ ari we yabakūye mu gihugu ca Egiputa, akabagobōtora, akabakūra mu nzu y’ ubuja. Uko az’ abe ari ko mukūra ikibi hagati muri mwebge.