Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




1 Samweli 12:12 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

12 Maze mubona Nahashi umwami w’Abamoni abateye; kandi nah’ Uhoraho Imana yanyu ari we yar’ umwami wanyu, murambarira, muti Nta co biriko: mut’ Umwami ni we azotuganza.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




1 Samweli 12:12
15 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Kandi nshinze isezerano ryanje ngusezeraniye, wewe n’uruvyaro rwawe ruzovuka hanyuma, ukw ibihe vy’urunganwe rwabo bizogenda bikurikirana, ribe isezerano ridashira, kugira ngo nkubere Imana, wewe n’uruvyaro rwawe ruzovuka hanyuma.


Arikw Imana yahoze ar’ Umwami wanje uhereye kera, Ivy’ agakiza ibikorera hagati mw isi.


Kuk’ Uhoraho ari we mucamanza wacu; Uhoraho ni we adushingira ivyagezwe; Uhoraho ni we Mwami wacu: azodukiza.


N’ Abayuda bose n’uko, abār’ i Mowabu no mu Bamoni no muri Edomu, n’abāri mu bihugu vyose, bumvise yuk’ umwami w’i Babuloni yaretse amasigarira yo mu Bayuda, kandi ko yashizeho Gedaliya mwene Ahikamu, Ahikamu wa Shafani, kubaganza,


Mbeg’ umwami wawe ari hehe, ngw agukize mu bisagara vyawe vyose? N’abashingantahe bawe bari hehe, abo wasavye ngo baguhe umwami n’abaganwa?


Nta bigabitanyo ibonye mu ba Yakobo, Nta bugoryi ibonye mu Bisirayeli: Uhoraho Imana yabo ari kumwe na bo, Muri bo hasēserezwa impundu z’Umwami.


Gideyoni arabishura, at’ Eka sinemeye kubaganza, n’umwana wanje ntazobaganza; arik’ Uhoraho ni we azobaganza.


none mwebge ko mwakūriye hasi inzu yiwe, mukica abana biwe mirongwirindwi, mukabakererera kuri rya buye, mukaba mwimitse Abimeleki umwana w’umuja wiwe, kukw ari mwene wanyu, kugira ngw abe umwami w’ab’i Shekemu!


arik’ uyu musi muranse Imana yanyu, kand’ ari yo nyene ubgayo ihora ibakiza mu vyago vyanyu vyose no mu magorwa; mwarayibgiye ngo n’ibahe umwami. Nuko rero, ni muze muhagarare imbere y’Uhoraho, umuryango wose uk’ uri, n’ inzu yose ukw iri.


Yamar’ abo bahungu biwe ntibāri n’ingeso nk’ iziwe, ariko bākebereje gukurikira inyungu mbi, bakarya ingurire, bakagoreka imanza.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ