Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




1 Samweli 12:10 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

10 Maze batakambira Uhoraho, bati Twaracumuye, kuko twaguhevye, ewe Uhoraho, tugasaba za Bayali na Ashitaroti; bati Non’ uturokore, udukūre mu maboko y’abansi bacu, abe ari wewe dusaba.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




1 Samweli 12:10
18 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Yamara yashira umutima ku mubabaro wabo, Uko yumvise ugutakamba kwabo:


Uhoraho, aho baboneye amagorwa ni ho bagushengereye; iy’ uguhana kwawe kubashikiriye basuka amajojwa.


Kuk’ Uhoraho ari we mucamanza wacu; Uhoraho ni we adushingira ivyagezwe; Uhoraho ni we Mwami wacu: azodukiza.


n’igihimba c’i Gileyadi, n’ahitwa Ashitaroti n’ahitwa Edireyi, yar’ imirwa ya Ogi umwami w’i Bashani; ivyo ni vyo vyatwaye aba Makiri mwene Manase; ni co ca gihimba c’Abamakiri, nk’ ukw amazu yabo ari.


Maz’ Abisirayeli batakambira Uhoraho, bati Twagucumuyeko, kuko twakuvuyeko ari wewe Imana yacu, tugasaba za Bayali.


Maz’ Abisirayeli bakora ivyo Uhoraho abona kw ari bibi, basaba za Bayali;


Uko ni ko bātaye Uhoraho, bagasaba Bayali na Ashitaroti.


Maz’ Abisirayeli batakambiye Uhoraho, abahagurukiriza uwo kubakiza yitwa Ehudi mwene Gera w’Umubenyamini; yar’ ibamfu. Bukeye Abisirayeli bamurungikana ishikanwa ryo gushikanira Eguloni umwami w’i Mowabu.


Maz’ Abisirayeli bakora ivyo Uhoraho abona kw ari bibi, bibagira Uhoraho Imana yabo, basaba za Bayali na za Ashera.


Maz’ Abisirayeli batakambiye Uhoraho, abahagurukiriza uwo kubakiza yitwa Otiniyeli mwene Kenazi, murumuna wa Kalebu; arabakiza.


Maz’ Abisirayeli batakambira Uhoraho, kubg’ imikogote y’ivyuma amajana cenda Yabina yar’ afise, kandi yar’ amaze imyaka mirongwibiri ahahaza Abisirayeli bibi.


Ico gihe Abisirayeli batakambiye Uhoraho kubg’ Abamidiyani,


Kuva ku musi iyo sandugu yashikiye i Kiriyati‐yeyarimu hashira igihe kirekire, nk’imyaka mirongwibiri; ab’ inzu y’Abisirayeli bose barondera Uhoraho batuntuye.


Nuko bakoranira i Misipa, bavoma amazi, bayavyagiza imbere y’Uhoraho; uwo musi barisonzesha, baravuga, bati Twaracumuye k’Uhoraho. Maze Samweli acīrira Abisirayeli imanza aho nyene i Misipa.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ