1 Maze Samweli abarira Abisirayeli bose, at’ Ehe rāba, nabakoreye ivyo mwansavye vyose, mbimikiye umwami wo kubaganza.
Naguhaye umwami mfise umwikomo, maze ndamukunyaga ndatse.
Maze Samweli yābīra agakuza k’amavuta ya elayo, ayamusuka ku mutwe, aramugūmbīra, aravuga, ati Mbeg’ Uhoraho si we akwimitse ng’ ube ari wewe ugaba ishamvu yiwe?
Maze Samweli abarira abantu bose, ati Mbega murabona uw’ Uhoraho yatoranije, kw ata wuhwanye na we mu bantu bose? Abantu bose bashira akamo hejuru, bat’ Umwami n’ahangame.
None rero n’upfe kubemerera, arik’ ubihanikirize cane, ubamenyeshe ingeso z’umwami azobaganza uko zizobamerera.