9 Maze babarira za ntabaza, bati Mubarire ab’i Yabeshi‐gileyadi, mut’ Ejo ku gasase bazobatabara. Nukw izo ntabaza zije, zibibgira ab’i Yabeshi, baranezerwa.
Nuko Dawidi atuma intumwa ku b’i Yabeshi‐gileyadi, muti Muragahezagirwa n’Uhoraho, kubg’ ico kigongwe mwagiriye Sauli shobuja, mukamufuba!
abahizi bose barahaguruka, bakūrah’ umuvyimba wa Sauli bo n’iy’ abahungu biwe, bayijana i Yabeshi, bahamba amagufa yabo musi y’igiti c’ umweloni i Yabeshi nyene, baca barisonzesha kumara imisi ndwi.
Ankiza umwansi wanje akomeye, N’abanyanka, kuko bandusha inkomezi.
Ni kwo kubazanya, bati Harya har’ abo mu miryango y’Abisirayeli boba batādūze gushengerera Uhoraho i Misipa? Basanga kw ata muntu n’umwe yavuye i Yabeshi‐gileyadi ngw aze aho bashagaje mw ikoraniro ryabo,
Ab’i Yabeshi ni kwo kubarira Abamoni, bat’ Ejo tuzoza kubīsaba, namwe mutugire uko mugomba.
Sauli abaharūrira i Bezeki, Abisirayeli bār’ ibihumbi amajana atatu, Abayuda bar’ ibihumbi mirongwitatu.
Maz’ ab’i Yabeshi‐gileyadi bumvise ivy’ Abafilisitiya bagiriye Sauli,