8 Sauli abaharūrira i Bezeki, Abisirayeli bār’ ibihumbi amajana atatu, Abayuda bar’ ibihumbi mirongwitatu.
Maze Yowabu ashikiriza umwami igitigiri c’abantu bāharūye: mu Bisirayeli hārimw’ abantu b’abahizi bazi kurwanisha inkota, ibihumbi amajana munani; mu Bayuda na ho hārimw’ ibihumbi amajana atanu.
Nuk’ umwami Yehoramu ava i Samariya ico gihe, akoranya Abisirayeli bose.
Maz’ abakuru bo mu bantu bose b’imiryango yose y’Abisirayeli bava hasi mw ikoraniro ry’abantu b’Imana, ryakoranye ar’ ingabo ibihumbi amajana ane zizi kurwanisha inkota.
Maze babarira za ntabaza, bati Mubarire ab’i Yabeshi‐gileyadi, mut’ Ejo ku gasase bazobatabara. Nukw izo ntabaza zije, zibibgira ab’i Yabeshi, baranezerwa.
Nuko Samweli ava hasi, ava i Gilugali, aja i Gibeya h’i Bubenyamini. Maze Sauli aharūra abantu bari kumwe na we, baba nk’amajana atandatu.
Nuko Sauli ahamagaza ingabo, aziharūrira i Telayimu, zār’ ingabo ibihumbi amajana abiri, bo n’iz’ i Buyuda ibihumbi cumi.