Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




1 Samweli 11:7 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

7 afata inka zibiri, azihimbaguramw’ ibihimba, abiha intabaza ngo zibinyuranganye mu gihugu cose c’Abisirayeli, mut’ Ūtazotabarana na Sauli na Samweli, uko ni kw inka ziwe zizogirirwa. Ubgoba buvuye k’Uhoraho burabafata, baca baza icarimwe gutabara nk’ umuntu umwe.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




1 Samweli 11:7
8 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Nuko baragenda; Imana itera ubgoba ibisagara bibakikije, ntibakurikira bene Yakobo.


Maze batera ibisagara vyose bihereranye n’i Gerari, kukw abaho Uhoraho yari yābaciye umuhongo. Basahura ivyo bisagara vyose, baharonka amasahu menshi.


Maz’ ubgoba buvuye k’Uhoraho bufata abami bo mu bihugu vyose bikikije i Buyuda, ntibāruha bubahuka gutera Yehoshafati.


Ariko mugende mwubaha Uhoraho, mwiyubare mu vyo mukora; kuk’ Uhoraho Imana yacu ata kugabitanya kuri muri we, canke gutinya ijunja ry’umuntu, canke kurya ingurire.


Uhoraho Nyen’ ingabo abe ari we mwemera ko yera, abe ari we ababera agahambaye, abe ari we ababera igiteye ubgoba.


Ashitse i we, ahitana imbugita, afata umuvyimba w’uyo mugore wiwe, awuhimbaguramw’ ibihimba cumi na bibiri, acīra mu ngingo mu ngingo, abirungika mu bihugu vyose vy’Abisirayeli.


Maz’ Abisirayeli bose baragenda, bava mu gihugu cose uhereye i Dani ugashitsa i Beri‐sheba, hamwe n’abo mu gihugu c’i Gileyadi, bakoranira i Misipa imbere y’Uhoraho, bahūje inama nk’umuntu umwe.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ