Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




1 Samweli 11:6 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

6 Sauli yumvise ivyo, Mpwemu w’Imana amuzako akābushūngwe, uburake bgiwe buca buraziriringa;

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




1 Samweli 11:6
14 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Nukw ashitse hafi y’aho bashagaje, abona ya masa n’abariko baratamba; uburake bga Mose buraziriringa, ata hasi ivyo bisate yar’ afise mu ntoke, abimenera mu mucāmo w’uwo musozi.


Kand’ uwo mugabo Mose yar’ umugwaneza kurusha abantu bose bo mw isi.


Aberaguzamw’ amaso, aratse, ababazwa n’ukw imitima yabo ikomantaye, abarira uwo muntu, ati Ramvura ukuboko kwawe. Arakuramvura, kurakira.


Ni mwaraka ntibibakoreshe icaha: izuba ntirirenge mukiratse,


Maze Mpwemu w’Uhoraho aza kuri Yefuta, na we anyuranganya i Gileyadi no mu bg’aba Manase, aca i Misipe h’i Gileyadi, avay’ aragenda ngw aje mu Bamoni.


Maze Mpwemu w’Uhoraho atangura kumucānīra ar’ i Mahane‐dani, hagati y’i Sora n’i Eshitayoli.


Maze Mpwemu w’ Uhoraho amuzako akābushungwe, arayitabagura nk’uwotabagura umwagazi w’impene, kandi yar’ imbokoboko. Ariko ntiyabgira se canke nyina ico akoze.


Ashitse i Lehi, Abafilisitiya bamusanganiza urwamo. Maze Mpwemu w’Uhoraho amuzako akābushūngwe, imigozi yar’ imuboshe amaboko ihinduka nk’ubugwēgwe bufashwe n’umuriro; ivyari bimuboshe ku bikonjo biravutagurika.


Mpwemu w’Uhoraho amuzako, ahinduka umucamanza w’Abisirayeli. Bukeye aja gutera, maz’ Uhoraho amugomorera Kushani‐rishatayimu uwo mwami w’i Aramu‐naharayimu, aramunesha.


Mpwemu w’Uhoraho aza kuri Gideyoni; aca avuza inzamba, maz’ Ababiyezeri bakoranira kuri we.


Nuko bashitse kuri wa musozi, abavugishwa n’Imana b’agakama bahūra na we; maze Mpwemu w’Uhoraho amuzako akābushūngwe, avugishwa hamwe na bo.


Maze Mpwemu w’Uhoraho aca akuzako akābushūngwe, nawe akuvugishe hamwe na bo, uce uhinduka ukundi, ube umuntu musha.


Nuko Samweli aca yābīra rya hembe ry’amavuta, ayamusukako bakuru be bamukikije. Kuva uwo musi Mpwemu w’Uhoraho yama aza kuri Dawidi akābushūngwe. Nuko Samweli arahaguruka, asubira i Rama.


Mpwemu w’Uhoraho amaze kuva kuri Sauli, impwemu mbi irungitswe n’Uhoraho yama igenda imufata bga gikange.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ