4 Nukw intabaza zishitse i Gibeya ho kwa Sauli, zibarira abantu uko bibaye; abantu bose baraturikisha, bararira.
Esau abaza se, ati Mbega muvyeyi, war’ ufise umuhezagiro umwe gusa? Mpezagira nanje se muvyeyi wanje! Esau araturika ararira.
ni muduhe abantu ndwi mu bahungu biwe, tubamanike imbere y’Uhoraho i Gibeya, ahāri kwa Sauli uwo Uhoraho yatoranije. Umwami arabishura, ati Nzobabaha.
Umukuru yari Ahiyezeri, uwa kabiri kuri we ni Yowasi, kandi bari bene Shemaya w’i Gibeya; na Yeziyeli na Peleti, bene Asumaveti, na Bereka na Yehu w’i Anatoti;
munezeranwe n’abanezerewe, murirane n’abarira.
Kand’ urugingo rumwe iyo rubabaye, ingingo zose zirababazanywa na rwo: cank’ iy’ urugingo rumwe ruhawe icubahiro, ingingo zose zihimbaranwa na rwo.
Mwākīrane imitwaro, mushikane murtyo ivyagezwe na Kristo.
Mwibuke ababoshwe nk’ababohanywe na bo: mwibuke n’abagirirwa nabi, kuko namwe muri mu mubiri.
Maz’ umumarayika w’Uhoraho amaze kubgira Abisirayeli bose ayo majambo, abantu baraturikisha bararira.
Maz’ Abisirayeli baradūga, baja kuririra imbere y’Uhoraho gushitsa ku mugorōba; babaza Uhoraho, bati Mbega dusubire kuja kurwana n’ab’ i wacu b’Ababenyamini? Uhoraho arabishura, at’ Ego me dūga mubatere.
Maz’ ingabo zose z’Abisirayeli n’abantu bose baradūga, baja i Beteli, bicara ngaho imbere y’ Uhoraho barira, bīrirwa bīsonzesheje kugeza ku mugorōba, batangira ngah’ imbere y’Uhoraho ibimazi vyo kwoswa n’ibimazi vy’ ishimwe.
Nukw abantu baja i Beteli, bicara imbere y’Imana gushitsa ku mugoroba, baboroga, barira,
Sauli na we arītāhira, aja i muhira i Gibeya, acagatiwe n’abantu b’abahizi, abo Imana yakoze mu mitima.
Kandi Sauli yar’ ashagaje ah’ i Gibeya hagarukira, musi y’igiti c’umukomamanga c’i Miguroni, ari kumwe n’abantu nk’amajana atandatu,
Maze Samweli aja i Rama, Sauli na we aradūga, ataha i muhira i we i Gibeya.
Maze Dawidi n’abantu bari kumwe na we baraturikisha, bararira, gushitsa aho batakibasha kurira.