Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




1 Samweli 11:2 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

2 Nahashi umwami w’Abamoni arabishura, ati Mu ko nemera kuribaha, mwese mbanza kubanogora amaso y’i buryo, mbe nsīze Abisirayeli bose iceyi.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




1 Samweli 11:2
11 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Baramubgira, bati N’ikintu tutoshobora, gushingira mushiki wacu umuntu atākebge; kukw ico coba akamāramāza kuri twebge.


Ntimwumvire Hezekiya: kuk’ ukw ari k’umwami w’i Ashuri agize, ngo Kunda mwuzure na we, musokoroke muje iy’ ari, umuntu wese ngw abone kurya ku muzabibu wiwe no ku musukoni wiwe, no kunywa ku mazi yo mw ivomo ryiwe,


Uduhindura ruvumwa ku babanyi bacu, Agatwengo no gucokorwa ku badukikije.


Kand’ iti Nd’ Imana ya so, Imana ya Aburahamu, Imana ya Isaka, Imana ya Yakobo. Mose aca yipfuka mu maso, kukw atinye kwitegereza Imana.


Umuntu agororotse ababara igitungwa ciwe, Arik’ umutima w’abanyakibi n’inkazi.


Ikigeretseko anogora amaso Zedekiya, amwambika umunyororo kugira ngo bamujane i Babuloni.


Kandi ntiyatujanye mur’ ico gihugu kindi gitemba amata n’ubūki nyene, canke ngw aduhe amashamvu y’amatongo n’ inzabibu. Mbeg’ agomba kunogora aba bantu amaso? Eka ntitumwitaba na mba!


Maz’ Abafilisitiya baramufata, bamunogora amaso, bamumanukana i Gaza, bamufatisha iminyororo y’imiringa, bamugira umusyi mu nzu y’imbohe.


Ab’i Yabeshi ni kwo kubarira Abamoni, bat’ Ejo tuzoza kubīsaba, namwe mutugire uko mugomba.


Maze mubona Nahashi umwami w’Abamoni abateye; kandi nah’ Uhoraho Imana yanyu ari we yar’ umwami wanyu, murambarira, muti Nta co biriko: mut’ Umwami ni we azotuganza.


Maze Dawidi abaza abantu bahagaze i ruhande yiwe, at’ Uwokwica uwo Mufilisitiya, agakūra igitutsi ku Bisirayeli, bomugororera iki? Mbeg’ uwo Mufilisitiya w’intakebga n’iki, ah’ acōkōra ingabo z’Imana nzima?


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ