Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




1 Samweli 11:15 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

15 Nukw abantu bose baja i Gilugali, bimikira Sauli imbere y’Uhoraho aho nyene i Gilugali, bahatangira ibimazi vy’ishimwe imbere y’Uhoraho: nuko Sauli n’Abisirayeli bose bahagirira akanyamuneza kenshi.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




1 Samweli 11:15
12 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Nuk’ umwami asubirayo, ashika kuri Yorodani; maz’ Abayuda baja i Gilugali ngo basanganire umwami, bamujabutse Yorodani.


Atuma imisore yo mu Bisirayeli ija gutanga ibimazi, iravyosa, no kubāgira Uhoraho amashuri y’imikangara kw ibimazi vy’ishimwe.


Yamara none mwirata ukwihayagiza kwanyu: ukwirata kwose ben’ ukwo ni kubi.


Bukeye Samweli akoraniriza abantu i Misipa imbere y’Uhoraho,


Maze Samweli abarira abantu bose, ati Mbega murabona uw’ Uhoraho yatoranije, kw ata wuhwanye na we mu bantu bose? Abantu bose bashira akamo hejuru, bat’ Umwami n’ahangame.


Kand’ uz’ unyitangire imbere, umanuke i Gilugali; nanje nyene nzomanuka ngusangeyo, nje kwosa ibimazi no gutanga ivy’ ishimwe. Uz’ undorēre imisi ndwi kugeza igihe nzogusangayo nkakwereka uk’ ukwiye kugenza.


Maze Samweli abarira Abisirayeli bose, at’ Ehe rāba, nabakoreye ivyo mwansavye vyose, mbimikiye umwami wo kubaganza.


Mbeg’ ubu si mw igenya ry’ingano? None ngira nsabe Uhoraho arungike imvura irimw’ imituragaro; muca mumenya kandi mubone kw ibigabitanyo vyanyu ari vyinshi, ivyo mwagabitanije imbere y’Uhoraho, ko mwisabiye umwami.


Arikw abantu banka kwumva ivyo Samweli ababariye, baravuga, bati Nta co biriko, turagomba umwami wo kutuganza,


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ