14 Maze Samweli abarira abantu, ati Ni muze tuje i Gilugali, dusubire dukomeze ivy’ ubgami.
Nuk’ umwami asubirayo, ashika kuri Yorodani; maz’ Abayuda baja i Gilugali ngo basanganire umwami, bamujabutse Yorodani.
ariko ntimukabarize i Beteli, canke ngo muje i Gilugali, canke ngo mushike i Beri‐sheba: kukw ab’i Gilugali bazokwambukanwa ar’ inyagano, n’i Beteli hazotītūka.
Kand’ uz’ unyitangire imbere, umanuke i Gilugali; nanje nyene nzomanuka ngusangeyo, nje kwosa ibimazi no gutanga ivy’ ishimwe. Uz’ undorēre imisi ndwi kugeza igihe nzogusangayo nkakwereka uk’ ukwiye kugenza.
Maze Samweli abarira Abisirayeli bose, at’ Ehe rāba, nabakoreye ivyo mwansavye vyose, mbimikiye umwami wo kubaganza.
Bukeye mu mavyuka ya kare Abanyashidodi basanga Dagoni yatemvye yubamye imbere y’isandugu y’Uhoraho; barayegura, bayisubiza ahantu hayo.
Kand’ uk’ umwaka utashe yama agīshanya imbu kuja i Beteli n’i Gilugali n’i Misipa, acīra Abisirayeli imanza mur’ iyo myanya yose;