Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




1 Samweli 11:13 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

13 Ariko Sauli aravuga, ati Nta muntu yokwicwa uyu musi, kuk’ uyu musi Uhoraho ahaye Abisirayeli intsinzi.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




1 Samweli 11:13
11 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Dawidi aravuga, ati Dusangiye iki ga yemwe bana ba Seruwiya, uyu musi ko mumbereye abarwanizi? Har’ uwokwicwa uyu musi mu Bisirayeli? Non’ ubu na ho simmaze kumenya ko nd’ umwami w’Abisirayeli?


Umwami abarira Shimeyi, at’ Eka ntupfa. Araheza arabimurahira.


arahaguruka yica Abafilisitiya, ukuboko kwiwe kurateba kugwa ikinyānya, kwumira ku nkota. Uwo musi Uhoraho atanga intsinzi ikomeye; abantu baraheza bagaruka kuri Eleyazari, bazanywe no gukoba imivyimba gusa.


Mose yishura abantu, ati Nta co mutinya: mwihagararire gusa, murābe agakiza Uhoraho agira ngw abazanire uyu musi: kukw Abanyegiputa mubonye uyu musi mutazokwongera kubabona ukundi.


Uko ni k’Uhoraho yakijije Abisirayeli kur’ uwo musi, abakūra mu maboko y’Abanyegiputa. Maz’ Abisirayeli bībonera imivyimba y’Abanyegiputa irambaraye kw isēsero ry’ikiyaga.


Kand’ abona yukw ata muntu ariho, atangazwa n’ukw ata wo kubahagarikira; ni co catumye ukwiwe kuboko ari kwo yizanishirije agakiza, kand’ ukugororoka kwiwe ni kwo yishimikije.


Arik’ ubuntu bg’Imana ni bgo bgatumye mba uko ndi, kand’ ubuntu bgayo nagiriwe ntibgabaye ubg’ ubusa, ariko natamye kurusha bose; ariko si jewe yamara n’ubuntu bg’Imana bgari kumwe nanje.


Arikw abantu b’abagesera bamwe baravuga, bati Mbeg’ uwo muntu yodutabara ate? Baramukēngēra, ntibāruha bamuzanira n’ imishikīro. Arikw apfa kwinumira.


Arikw abantu babarira Sauli, bati None Yonatani yopfa, kand’ ari we yahaye Abisirayeli ugutsinda kungana gurtyo? Biragahera! Turahiye uguhoraho kw’Uhoraho yukw ata n’agashatsi na kamwe ko ku mutwe wiwe kazohara ngo gakorokere hasi; kuko ku vyabaye uyu musi yafatanije n’Imana. Uko ni kw abantu bākijije Yonatani ngo ntāpfe.


kuko yahevye amagara yiwe, akica wa Mufilisitiya, Uhoraho akarokora Abisirayeli uburyo bukomeye. Nawe ubibonye uranezerwa. None n’iki kigutera kugira nabi, ukavisha amaraso y’ūtācumuye, ngo wice Dawidi umuhōye ubusa?


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ