Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




1 Samweli 11:11 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

11 Bukeye Sauli agabanya abantu mw imice itatu, basēseka hagati mu nsago z’Abamoni mu gahuru, baririka Abamoni gushitsa ku musase munini; maz’ abācitse kw icumu aho bashwiragiriye nta na babiri wobonye bari hamwe.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




1 Samweli 11:11
14 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Aburahamu yita aho hantu Yehova‐yire, nk’uko bavuga na bugingo n’ubu, bati Ku musozi w’Uhoraho ni ho bironkeka.


Dawidi araheza agabanya ingabo mu mice itatu, umuce umwe awuha Yowabu, uwundi awuha Abishayi umwana wa Seruwiya, murumuna wa Yowabu, uwundi awuha Itayi Umunyegati. Maz’ umwami abarira ingabo, ati Nanje ubganje turatabarana.


Imana ni yo buhungiro bgacu n’inkomezi zacu, N’umufasha atabura guseruka mu magorwa.


Nuko mu gicugu ca nyuma Uhoraho acishiriza ari mu nkingi y’umuriro n’igicu, arunguruka ingabo z’Abanyegiputa, azica ivutu.


Kuko, uko muhinyura abandi, ari ko muzohinyurwa namwe; kand’ ingero mugeramwo muzoyigererwa namwe.


Kuk’ urubanza rutagirira akagongwe ūtāgize akagongwe. Ariko mu rubanza ikigongwe kiratsinda.


Adoni‐bezeki aravuga, at’Abami mirongwirindwi naciye ibikumu n’amano manini bāhora batoragura utwo barya musi y’ameza yanje: uko nabagiriye ni kw Imana inshubirije mu nkōko. Nuko bamujana i Yerusalemu, agwayo.


Ariko Baraki yōma inyuma y’iyo mikogote n’izo ngabo, barinda bashika i Harosheti‐ha‐goyimu; ingabo za Sisera zose zishirira ku nkota, ntihasigara n’uwa kirazira.


Nukw abo bantu ukw ar’ amajana atatu abagabanyamw’ imitwe itatu, umuntu wese amuha inzamba n’umubindi uri gusa, urimw’ urumuri.


Nuko ya mitwe ukw ar’ itatu baca bavuza inzamba, bamenagura ya mibindi, bafatisha za muri ukuboko kw’i bumoso, inzamba bazifatisha ukw’ i buryo mu kuvuza; biha akaruru, bat’ Inkota n’iy’ Uhoraho na Gideyoni!


Aca ajana ingabo ziwe, azicamw’ imice itatu, baryama mu mirima; maz’ abonye abantu ko bavuye mu gisagara, baca babakūrira hasi, barabarwanya.


Nahashi umwami w’Abamoni arabishura, ati Mu ko nemera kuribaha, mwese mbanza kubanogora amaso y’i buryo, mbe nsīze Abisirayeli bose iceyi.


Sauli amaze kuja ku ngoma ngw aganze Abisirayeli, arwanya abansi biwe bose impande zose, Abanyamowabu n’Abamoni n’ Abanyedomu, n’abami b’i Zoba, n’Abafilisitiya; yagenda anesha aho yatumbera hose.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ