Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




1 Samweli 11:1 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

1 Maze Nahashi umwami w’ Abamoni aradūga, asagaza inyuma y’i Yabeshi‐gileyadi. Ab’i Yabeshi bose baramubarira, bati Duhe isezerano ryo kuduhāngaza, natwe tuzogusaba.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




1 Samweli 11:1
23 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Baramwishura, bati Twabonye rwose yuk’ Uhoraho ari kumwe nawe; tuti Hinge tuje gushira indahiro hagati yacu na we, dusezerane isezerano na we;


Hanyuma y’ivyo umwami w’Abamoni aratanga; maz’ umuhungu wiwe Hanuni asubira ku ngoma yiwe.


Dawidi avyumvise aravuga, ati Nzogirira neza Hanuni mwene Nahashi, nk’uko se yangiriye neza. Nuko Dawidi arungika abantu bo kumugarukirako kuko yabuze se. Abo bantu ba Dawidi baragenda, bashika mu gihugu c’Abamoni.


Nuko Dawidi ashitse i Mahanayimu, Shobi mwene Nahashi w’i Raba mu Bamoni, na Makiri mwene Amiyeli w’i Lo‐debari, na Baruzilayi Umunyagileyadi w’i Rogelimu,


Nuko Dawidi atuma intumwa ku b’i Yabeshi‐gileyadi, muti Muragahezagirwa n’Uhoraho, kubg’ ico kigongwe mwagiriye Sauli shobuja, mukamufuba!


Maze Beni‐hadadi aramubarira, at’ Ibisagara data yanyaze so nzobigusubiza; kand’ uzogira aho kudandariza i Damasiko, nk’uko data yar’ ahafise i Samariya. Ahabu aramwishura, ati Ndemeye iryo sezerano: ndakurekuye. Nuko barasezerana, aramurekura.


Maz’ ab’i Yabeshi‐gileyadi bose bumvise ivyo Abafilisitiya bagiriye Sauli vyose,


abahizi bose barahaguruka, bakūrah’ umuvyimba wa Sauli bo n’iy’ abahungu biwe, bayijana i Yabeshi, bahamba amagufa yabo musi y’igiti c’ umweloni i Yabeshi nyene, baca barisonzesha kumara imisi ndwi.


Mbega yosezerana nawe, Ng’ uyisabishe ikubere umushumba imisi yose?


Ntimuze mugire isezerano musezerana na bo, canke n’imana zabo.


Ntimwumvire Hezekiya: kuk’ ukw ari k’umwami w’i Ashuri agize, ngo Kunda mwuzure na we, musokoroke muje iy’ ari, umuntu wese ngw abone kurya ku muzabibu wiwe no ku musukoni wiwe, no kunywa ku mazi yo mw ivomo ryiwe,


N’ Abayuda bose n’uko, abār’ i Mowabu no mu Bamoni no muri Edomu, n’abāri mu bihugu vyose, bumvise yuk’ umwami w’i Babuloni yaretse amasigarira yo mu Bayuda, kandi ko yashizeho Gedaliya mwene Ahikamu, Ahikamu wa Shafani, kubaganza,


baramubgira, bati Mbeg’ urazi yuko Bayalisi umwami w’Abamoni yatumye Ishimayeli mwene Netaniya kukwica? Ariko Gedaliya mwene Ahikamu ntiyavyemera.


atoranya uwo mu nda y’ ingoma, ashirah’ isezerano na we, amwaka indahiro; kand’ ajana n’ abahambaye bo mu gihugu,


Ntihaze hagire Umwamoni cank’ Umunyamowabu agera mw ikoraniro ry’Uhoraho; haba n’ uwo mu runganwe rwabo azorigeramwo, eka mber’ uko ruzogenda rukurikirana gushitsa icumi;


Uburake bg’ Uhoraho buziriringira Abisirayeli, abagabura mu maboko y’Abafilisitiya no mu y’ Abamoni.


Igihe kiragera, Abamoni ni kwo gutera Abisirayeli.


Ni kwo kubazanya, bati Harya har’ abo mu miryango y’Abisirayeli boba batādūze gushengerera Uhoraho i Misipa? Basanga kw ata muntu n’umwe yavuye i Yabeshi‐gileyadi ngw aze aho bashagaje mw ikoraniro ryabo,


Maze mubona Nahashi umwami w’Abamoni abateye; kandi nah’ Uhoraho Imana yanyu ari we yar’ umwami wanyu, murambarira, muti Nta co biriko: mut’ Umwami ni we azotuganza.


Sauli amaze kuja ku ngoma ngw aganze Abisirayeli, arwanya abansi biwe bose impande zose, Abanyamowabu n’Abamoni n’ Abanyedomu, n’abami b’i Zoba, n’Abafilisitiya; yagenda anesha aho yatumbera hose.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ