9 Akirora irya avuye aho Samweli ari, Imana imuha umutima musha: maze kur’ uwo musi nyene vya bimenyamenya vyose birashika.
Kandi nzobaha umutima musha, mbashiremw’ impwemu nsha; nzokūra umutima ukomeye nk’ibuye mu mibiri yanyu, mbahe umutima woroshe nk’ inyama.
Ba bigishwa baragenda, baja mu gisagara, babisanga uko yabibabariye: bategura ivya Pasika.
Maz’ umumarayika w’Uhoraho atuma inkoni yari yitwaje, ayikoza kur’ izo nyama na ya mitsima itambiwe, umuriro uca waduka mur’ iryo buye, urabitōngōra; nuk’ uwo mumarayika w’Uhoraho aca akamangana: ni yo maso.
wumvirize ivyo bavuga; ni ho uja kurema, ubone kumanuka kubatera. Nukw amanukana n’umuntu wiwe Pura, bashikira ku ngabo za mbere ziteramye aho bashagaje.
Nuko Samweli aca yābīra rya hembe ry’amavuta, ayamusukako bakuru be bamukikije. Kuva uwo musi Mpwemu w’Uhoraho yama aza kuri Dawidi akābushūngwe. Nuko Samweli arahaguruka, asubira i Rama.
Maze ngw Azokwihagurukiriza umuherezi w’umwizigirwa, umuntu azokora nk’ivyari mu mutima wiwe no mu vyiyumviro vyiwe; ngo Kand’ azomwubakira inzu izokwamaho; na we azogendanira uwo yimikishije amavuta ibihe vyose.