Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




1 Samweli 10:7 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

7 Kand’ ivyo bimenyamenya ni vyagushikako, ugenze uk’ ubona bikwiye, kukw Imana iri kumwe nawe.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




1 Samweli 10:7
20 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Nukw Imana ibana n’uwo muhungu, arakura; agerēra mu bugaragwa, aba umurashi.


Natani yishura umwami, ati Genda ukore nk’uko wumva ugomba kwose, kuk’ Uhoraho ari kumwe nawe.


Kand’ asangwa nanejerejwe n’uk’ ubutunzi bganje ari bginshi, Kandi yuk’ ukuboko kwanje kwaronse vyinshi;


Ati Kandi ni batakwemera, ngo bemezwe n’ ikimenyetso ca mbere, bazokwemezwa n’ica kabiri.


Ikintu cose ukuboko kwawe kwerekeje gukora ugikorane inkomezi zawe; kukw ata gikorwa cank’ inama cank’ ukumenya cank’ ubgenge i kuzimu ah’ urāriye kuja.


Ni co gitumye Uhoraho ubgiwe ari we agira abīhēre ikimenyamenya: Rāba, inkumi izosama inda, ivyare umwana w’umuhungu, izomwita Imanuweli.


ngo Rāba, inkumi izotwara inda, ivyare umwana w’umuhungu, Bazomwita Imanuweli; risobanurwa ngw Imana iri kumwe natwe.


mubigishe kwitondera ivyo nabageze vyose. Umve, ndi kumwe namwe imisi yose, gushitsa ku muhero w’isi.


Iki ni co kimenyamenya canyu, murasanga umwana w’uruyoya azingiriwekw impuzu y’uruyoya, aryamitswe mu bgato bg’inka.


Bano bantu babonye ikimenyetso akoze, baravuga, bati N’ukuri uyu ni wa muntu avugishwa n’Imana yar’ akwiye kuza mw isi.


Ni mwaja mu ntambara kurwanya abansi banyu, mukabona amafarasi n’imikogote n’ abantu babaruta ubginshi, ntimuze mubatinye; kuk’ Uhoraho Imana yanyu yabakūye mu gihugu ca Egiputa azoba ari kumwe namwe.


Gukunda amahera ntikube mu ngeso zanyu; ivyo mufise bibabumbe; kuk’ ubgayo yavuze, iti Nta ho nzoguhemukira, nta ho nzoguta.


Nta muntu n’umwe azoshobora kuguhagarara imbere imisi yose uzomara ukiriho: nk’uko nabanye na Mose ni ko nzobana nawe; sinzoguhemukira, sinzoguta.


None si jewe nkwibaririye, nti Shikama, ushire amanga? Nuko ntutinye, nturanduke umutima, kuko jewe Uhoraho Imana yawe ndi kumwe nawe ah’ uzoja hose.


Nuk’ uwo mumarayika w’Uhoraho aramwiyereka, aramubarira, at’ Uhoraho ari kumwe nawe, ewe wa muhizi w’ inkomezi!


muheze muhenge kare mu gatondo izuba rirashe, muvyuke mutere igisagara. Muti Maze Gayali n’abo bari kumwe ni baza kukurwanya, uzoshobora kubagirira uk’ ugomba.


Ngo Kand’ ikizoba ku bahungu bawe bompi, Hofuni na Finehasi, kizokubera ikimenyamenya c’ivyo: bompi bazopfira umusi umwe.


Ariko data ni yaramuka agomba kukugirira nabi, simbikumenyeshe, ngo nkurungike wīgīre uburarame, Uhoraho abimpanire, kandi birushirije. Kand’ Uhoraho az’ abane nawe nk’uko yabana na data.


Nuko Samweli arakura, Uhoraho abana na we; ntiyakunda ko hagira ijambo na rimwe rya Samweli rikorokera hasi.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ