Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




1 Samweli 10:6 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

6 Maze Mpwemu w’Uhoraho aca akuzako akābushūngwe, nawe akuvugishe hamwe na bo, uce uhinduka ukundi, ube umuntu musha.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




1 Samweli 10:6
14 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Nanje mpava mmanuka, mbonanireyo nawe; nābīre ku mpwemu iri kuri wewe, ndayishire kuri bo; na bo bazofatanya nawe uwo mutwaro w’abantu, ureke kugenda uwuteruye wenyene.


Uhoraho amanuka ari muri ca gicu, amubarira amajambo, araheza yābīra ku mpwemu iri kuri Mose, ayishira kur’ abo bakuru mirongwirindwi: maz’ iyo mpwemu ibahagazeko baca bavugishwa n’Imana, ariko bagarukirizaho.


Arikw aho bashagaje hāri hasigaye abagabo babiri, umwe yitwa Elidadi, uwundi yitwa Medadi: iyo mpwemu ibahagararako na bo. Kandi bari mu gitigiri c’abanditswe, ariko ntibari bavuye aho bari ngo baje kuri rya hema; nuko bavugishirizwa n’Imana aho nyene aho bashagaje.


Mose aramubaza, ati Ni jewe ufitiye ishaka? Icompa abantu bose b’Uhoraho bakaba abavugishwa na we, Uhoraho akabashirakw impwemu yiwe!


Benshi bazombgira kuri wa musi, ngo Mwami, Mwami, ntitwavugishwa n’Imana mw izina ryawe, ntitwasenda abadayimoni mw izina ryawe, ntitwakora ibitangaza vyinshi mw izina ryawe?


Maze Mpwemu w’ Uhoraho amuzako akābushungwe, arayitabagura nk’uwotabagura umwagazi w’impene, kandi yar’ imbokoboko. Ariko ntiyabgira se canke nyina ico akoze.


Ashitse i Lehi, Abafilisitiya bamusanganiza urwamo. Maze Mpwemu w’Uhoraho amuzako akābushūngwe, imigozi yar’ imuboshe amaboko ihinduka nk’ubugwēgwe bufashwe n’umuriro; ivyari bimuboshe ku bikonjo biravutagurika.


Mpwemu w’Uhoraho amuzako, ahinduka umucamanza w’Abisirayeli. Bukeye aja gutera, maz’ Uhoraho amugomorera Kushani‐rishatayimu uwo mwami w’i Aramu‐naharayimu, aramunesha.


Nuko bashitse kuri wa musozi, abavugishwa n’Imana b’agakama bahūra na we; maze Mpwemu w’Uhoraho amuzako akābushūngwe, avugishwa hamwe na bo.


Akirora irya avuye aho Samweli ari, Imana imuha umutima musha: maze kur’ uwo musi nyene vya bimenyamenya vyose birashika.


Sauli yumvise ivyo, Mpwemu w’Imana amuzako akābushūngwe, uburake bgiwe buca buraziriringa;


Nuko Samweli aca yābīra rya hembe ry’amavuta, ayamusukako bakuru be bamukikije. Kuva uwo musi Mpwemu w’Uhoraho yama aza kuri Dawidi akābushūngwe. Nuko Samweli arahaguruka, asubira i Rama.


Nuko Sauli atuma abantu gufata Dawidi: bashitseyo, basanga abavugishwa n’Imana b’agakama bariko baravugishwa, na Samweli ahagaze ngaho nk’umukuru wabo; maze Mpwemu w’Imana aza kur’ izo ntumwa za Sauli, na zo zica ziravugishwa.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ