Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




1 Samweli 10:5 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

5 Hanyuma urashika ku musozi w’ Imana, ahar’ iboma y’Abafilisitiya; ni washika mur’ ico gisagara, uja guhūra n’agakama k’abavugishwa n’Imana bamanuka bavuye ahēra ho ku mpinga y’umusozi, bafise amakembe n’udushāko tw’ingoma n’imyironge n’inanga bigenda biravugira imbere yabo; uja gusanga bariko baravugishwa n’Imana.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




1 Samweli 10:5
27 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Maz’ igihe c’amashōka kirenze, batangura kuvovota, gushitsa igihe kigeze co gutanga ikimazi ca ni kera; ariko ntihagira ijwi ribītaba, cank’ ikibishura, cank’ ikibababara.


Maze bamwe b’i Yeriko biga ivy’ ukuvugishwa, bār’ aharābana na we, baravuga, bat’ Impwemu ya Eliya iri kuri Elisa. Nuko baraza, baramusanganira, bakubita inkoro hasi imbere yiwe.


Bashitseyo, abīgishirizwa i Beteli ivy’ ukuvugishwa baza gusanganira Elisa, baramubaza, bati Harya urazi yuk’ uyu musi Uhoraho agiye kukwaka shobuja? Arabishura, at’ Ego me ndabizi, ariko ni mupfe gucereza.


Bashitseyo, abīgishirizwa i Yeriko ivy’ ukuvugishwa baza kuri Elisa baramubaza, bati Harya urazi yuk’ uyu musi Uhoraho agiye kukwaka shobuja? Arabishura, at’ Ego me ndabizi, ariko ni mupfe gucereza.


Maz’ abantu mirongwitanu mu biga ivy’ ukuvugishwa baragenda bahagarara kure aharābana na bo, abo bompi bagihagaze kuri Yorodani.


Ariko noneho nzanira umuvuzi w’inanga. Uwo muvuzi w’inanga ashitse, atanguye kuvuza, ukuboko kw’Uhoraho kuza kuri Elisa;


Hanyuma Elisa asubira i Gilugali; ico gihe hari harateye inzara mu gihugu. Maz’ abiga ivy’ ukuvugishwa bicaye imbere yiwe, abarira umuntu wiwe, ati Tereka ya nkono nini ku ziko, utekere imboga aba biga ivy’ ukuvugishwa.


Bukeye abiga ivy’ ukuvugishwa babarira Elisa, bat’ Ehe rāba, aho tuba haratwāgiye, nk’ uko nawe ubibona.


Ico gihe Dawidi yari mw isenga, kandi hār’ insago z’Abafilisitiya i Betelehemu.


Dawidi n’Abisirayeli bose bagenda biyereka biginagura, bar’ imbere y’Imana, baririmba, bavuza inanga n’amakembe n’udushāko tw’ingoma n’ ivyitwa matowazi n’inzumbete.


Kandi Hemani na Yedutuni abo bāri n’ inzumbete n’ivyitwa matowazi vyo kuvuza, n’ibindi vyo kuvuza bijana n’indirimbo z’Imana. Kand’ ashiraho bene Yedutuni ngo barinde irembo.


Abo yashizeho n’ aba: Asafu ni we yari mukuru, agakurikirwa na Zekariya na Yaziyeli na Shemiramoti na Yehiyeli na Matitiya na Eliyabu na Benaya na Obed‐edomu na Yeyeli, bafise amakembe n’inanga; kandi Asafu yar’ afise ivyo avuza vyitwa matowazi,


Ndabangira ugutwi umugani, Ubupfindo bganje ndabupfindurisha inanga.


Tuvugira inanga y’imirya cumi n’ikembe, Tukōmānza inanga.


Mwirukire urukundo: yamara mwifuze cane ingabire za Mpwemu, cane‐cane kuvugishwa n’Imana.


Nuko bashitse kuri wa musozi, abavugishwa n’Imana b’agakama bahūra na we; maze Mpwemu w’Uhoraho amuzako akābushūngwe, avugishwa hamwe na bo.


Barakuramutsa, baguhe n’amarobe abiri, nawe uyākīre.


Sauli yitoraniriza abantu mu Bisirayeli ibihumbi bitatu; muri bo, ibihumbi bibiri bāba kuri we i Mikimashi no ku musozi w’i Beteli; abandi igihumbi bāba kuri Yonatani i Gibeya h’i Bubenyamini; abasigaye arabacūra, umuntu wese yītāhira i we.


Bukeye Yonatani atera abo mu nsago z’ Abafilisitiya i Geba, arabatsinda; abandi Bafilisitiya baravyumva. Maze Sauli avugisha inzamba mu gihugu cose, kugira ngw Abaheburayo bavyumve.


Nuko Sauli atuma abantu gufata Dawidi: bashitseyo, basanga abavugishwa n’Imana b’agakama bariko baravugishwa, na Samweli ahagaze ngaho nk’umukuru wabo; maze Mpwemu w’Imana aza kur’ izo ntumwa za Sauli, na zo zica ziravugishwa.


Barabishura, bat’ Ego me; nguyo ah’ imbere yanyu; ariko munyaruke: ni ho agishika mu gisagara, azanywe n’ukw abantu bagira batange ibimazi ku mpinga y’umusozi.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ