1 Samweli 10:3 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)3 Maz’ uvuye aho, ugiye nk’akarēre, ugashika ku giti c’umweloni c’i Tabora, uja guhūra n’abantu batatu badūga gushengerera Imana i Beteli, umwe ateruye abagazi b’impene batatu, uwundi atwaye amarobe atatu y’imitsima, uwundi atwaye umukuza wa vino. အခန်းကိုကြည့်ပါ။ |
Nuko Hanameli mwene wacu aza kuri jewe aho ndi mu rugo rw’ibohero, nk’ukw ijambo ry’Uhoraho ryavuze, arambarira, ati Ndakwinginze, gura ishamvu yanje iri Anatoti, ho mu ntāra ya Benyamini: kuko na kare yar’ iyawe, kandi ni wewe wo kuyicungura: non’ uyigurire. Ni ho naciye mmenya yukw iryo jambo ar’ iry’ Uhoraho.
Kand’ ishikanwa ry’ ivyakozwe mw ifu ritanganwa na co rize ribe ibigiracumi bibiri vy’ingero y’ifu igogōretse, ivanze n’amavuta ya elayo; ribe ishikanwa nshikaniwe jewe Uhoraho ritōngōrwa n’umuriro, umubabge umota neza. Kand’ ishikanwa ry’ibiturire ritanganwa na co nyene rize ribe ikigirakane c’ingero yitwa hini ya vino.