Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




1 Samweli 10:3 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

3 Maz’ uvuye aho, ugiye nk’akarēre, ugashika ku giti c’umweloni c’i Tabora, uja guhūra n’abantu batatu badūga gushengerera Imana i Beteli, umwe ateruye abagazi b’impene batatu, uwundi atwaye amarobe atatu y’imitsima, uwundi atwaye umukuza wa vino.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




1 Samweli 10:3
22 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Aho hantu aca ahita Beteli, arik’ ubga mbere ico gisagara citwa Luzi.


n’iri buye nshinze kw inkingi rizoba inzu y’ Imana: ati Kandi ku vy’uzohora umpa vyose, sinzobura kuguhamw’ ikigiracumi.


Imana ibarira Yakobo, iti Va hasi, udūge i Beteli, ugerēreyo: unyubakire igicaniro, jewe Imana nakubonekeye igihe wahunga Esau mwene nyoko.


tuve hasi, tudūge, tuje i Beteli, nanje nubakirey’ Imana igicaniro, imwe yanyumvira ku musi w’ivyago vyanje, kandi yagendanye nanje mu nzira nagenzemwo zose.


I burārūko n’i bumanuko ni wewe waharemye: I Tabora n’i Herumoni hanezererwa izina ryawe.


Nuko Hanameli mwene wacu aza kuri jewe aho ndi mu rugo rw’ibohero, nk’ukw ijambo ry’Uhoraho ryavuze, arambarira, ati Ndakwinginze, gura ishamvu yanje iri Anatoti, ho mu ntāra ya Benyamini: kuko na kare yar’ iyawe, kandi ni wewe wo kuyicungura: non’ uyigurire. Ni ho naciye mmenya yukw iryo jambo ar’ iry’ Uhoraho.


Kand’ ikimazi ciwe co kwoswa ni caba ar’ ico mu mukuku, ar’ intama cank’ impene, az’ atange isuguru itagira agasembga.


Kand’ ishikanwa ry’ ivyakozwe mw ifu ritanganwa na co rize ribe ibigiracumi bibiri vy’ingero y’ifu igogōretse, ivanze n’amavuta ya elayo; ribe ishikanwa nshikaniwe jewe Uhoraho ritōngōrwa n’umuriro, umubabge umota neza. Kand’ ishikanwa ry’ibiturire ritanganwa na co nyene rize ribe ikigirakane c’ingero yitwa hini ya vino.


Kandi ni yatanga impene kw ishikanwa ryiwe, az’ ayizane imbere yanje.


Kand’ ishikanwa ryiwe ry’ ikimazi c’ishimwe anshikaniye, ni caba ar’ ico akūye mu mukuku, ar’ isuguru cank’ ishashi, az’ agitange kitagira agasembga.


Iryo shikanwa ryiwe, n’ico kimazi ciwe c’ishimwe yatanze kubgo gukenguruka, az’ abitangane n’utundi dutsima twambiwe.


kandi kuva i Sarida nyene, urwerekeye i burasirazuba rwarakevya, rukarinda rushika ku rubibe rw’i Kisiloti‐tabora; rugaca i Daberati, rukadūga rugashika i Yafiya;


kand’ urwo rubibe rwaca n’i Tabora n’i Shahazuma n’i Beti‐shemeshi, rukaruma kuri Yorodani; ivyo bisagara vyose na vyose vyar’ icumi na bitandatu, bifise imihana ibikūkira.


Maz’ Abisirayeli barahaguruka baja i Beteli, ngo basiguze Imana; barayibaza, bati Muri twebge ni ba nde bazotangura kuja gutera Ababenyamini? Uhoraho arabishura, at’ Abayuda ni bo bazotangura kugenda.


Maz’ Abisirayeli baradūga, baja kuririra imbere y’Uhoraho gushitsa ku mugorōba; babaza Uhoraho, bati Mbega dusubire kuja kurwana n’ab’ i wacu b’Ababenyamini? Uhoraho arabishura, at’ Ego me dūga mubatere.


Maz’ Abisirayeli basiguza Uhoraho, (kukw ico gihe isandugu y’isezerano ry’Imana ari ho yar’ iri;


Maze babarira Sisera yuko Baraki mwene Abinowamu adūze ashitse ku musozi Tabora.


Bukeye atuma i Kedeshi‐nafutali guhamagara Baraki mwene Abinowamu; aramubgira, at’ Uhoraho Imana y’Abisirayeli arakugeze, ngo Genda ukoranirize i Tabora ingabo ibihumbi cumi bo mu ba Nafutali no mu ba Zebuloni;


Maz’ abaza Zeba na Salumuna, ati Mbeg’ abantu mwiciye i Tabora bāsa bate? Baramwishura, bati Bāsa n’uko kwawe: umuntu wese yasa n’umwana w’ umwami.


Barakuramutsa, baguhe n’amarobe abiri, nawe uyākīre.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ