Hiramu umwami w’i Tiro yumvise ko bimikishije Salomo amavuta ngw asubire ku ngoma ya se, amutumakw intumwa, kuk’ uhereye kera Hiramu yakundana na Dawidi.
Mose uyo, umwe banka, bati Ni nde yakugize umukuru cank’ umucamanza? ni we Imana yatumye kuba umukuru n’umucunguzi, abihawe n’ukuboko kw’umumarayika yamubonekereye muri ca gisaka.