Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




1 Samweli 10:27 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

27 Arikw abantu b’abagesera bamwe baravuga, bati Mbeg’ uwo muntu yodutabara ate? Baramukēngēra, ntibāruha bamuzanira n’ imishikīro. Arikw apfa kwinumira.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




1 Samweli 10:27
21 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Hār’ umuntu w’umugesera yitwa Sheba, mwene Bikuri Umubenyamini; aca avuza inzamba, aravuga, ati Dawidi nta co tumwegako, nta mugabane dufise kuri mwene Isayi: yemwe Bisirayeli, hogi twitahire, umuntu wese aje i muhira!


Maz’ anesha Abanyamowabu, abarambika hasi mu mirongo, abageresha umugozi: agera imirongo ibiri, iba iyo kwicwa, uwa gatatu wose uba uwo guhangazwa. Nukw Abanyamowabu baca baba abatwarwa ba Dawidi, bakāma bamuzanira amarari.


Umuntu wese yaza azanye indamukanyo, ar’ ivyakozwe mu mafeza canke mu mazahabu, ar’ ivyambarwa, ar’ ibirwanishwa, ar’ imibavu, ar’ amafarasi, ar’ inyumbu; ni ko vyagenda uk’ umwaka utashe.


Kandi Salomo yaganza ibihugu vyose vy’abami, uhereye kuri rwa ruzi Efurate, ugashitsa ku gihugu c’Abafilisitiya ukagarukira ku rubibe rwa Egiputa, bakāma bamuzanira amashikanwa, bakamusaba, igihe cose yabaye ku ngoma.


Hiramu umwami w’i Tiro yumvise ko bimikishije Salomo amavuta ngw asubire ku ngoma ya se, amutumakw intumwa, kuk’ uhereye kera Hiramu yakundana na Dawidi.


Maz’ abantu b’imburakimazi kandi b’inshirukanya bakoranira kuri we, baraheza binantaza kuri Rehobowamu mwene Salomo, igihe Rehobowamu yar’ akiri muto, akiri seniryo, adashobora kubahagarara imbere.


Ni co catumye Uhoraho akomeza ingoma yiwe; Abayuda bose bamuzanira imishikīro; agira ubutunzi bginshi n’icubahiro gihambaye.


Ariko jeho mmeze nk’igipfamatwi, simvyumva; Mmeze nk’ikiragi kidateranura akanwa.


Abami b’i Tarushishi n’abo ku bizinga vyo mu kiyaga bazozana amashikanwa, Abami b’i Sheba n’ab’i Seba bazogorora ingorore.


Kand’ ikindi, ntushire umutima ku majambo yose avugwa, ntuhave wumva umushumba wawe agutuka:


Maze barihorera, ntibamwishura ijambo na rimwe, kukw ijambo ry’umwami ryari ryavuze, ngo Ntimugire ico mumwishura.


Bashitse mu nzu babona uwo mwana na Mariya nyina wiwe; bikubita hasi, baramupfukamira, barumūra ibisimbo vyabo, bamushikanira amashikanwa, izahabu n’imibavu n’isenga.


Mose uyo, umwe banka, bati Ni nde yakugize umukuru cank’ umucamanza? ni we Imana yatumye kuba umukuru n’umucunguzi, abihawe n’ukuboko kw’umumarayika yamubonekereye muri ca gisaka.


bati Hādutse abagesera muri mwebge bariko barakwegakwega abo mu gisagara cabo, bat’ Ingo tugende, dusabe izindi mana, kand’ ar’ izo mutigeze kumenya;


Maz’ abantu babarira Samweli, bati Mbega ni ba nde bavuze, ngw Aho Sauli ni we yotuganza? Ni muzane abo bantu, tubice.


Ariko Sauli aravuga, ati Nta muntu yokwicwa uyu musi, kuk’ uyu musi Uhoraho ahaye Abisirayeli intsinzi.


Nuko Isayi yābīra indogoba, ayishirakw imitsima n’umukuza w’urusāto wuzuye vino, n’umwagazi w’impene, abirungikana umuhungu wiwe Dawidi ngw abishikanire Sauli.


Kandi bene Eli bār’ abanyangeso mbi; bāpfa uko bagize ivy’ Uhoraho,


None rer’ ubimenye, wiyumvire ico wokora, kuko hagiye kuba ivyago kuri databuja no ku rugo rwiwe rwose, kand’ ar’ umuntu w’umugesera, ata woshobora kugira ico amubgira.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ